11 kuko kubera we, Abayuda benshi bariko barabavako bizera Yesu.
11 kuko kubgiwe Abayuda benshi bābavako bakizera Yesu.
Ndazi ko wama unyumva, ariko ibi ndabivuze ku neza y’aba bantu bahagaze hano, kugira ngo bizere ko ari wewe wantumye.”
Ivyo vyatumye Abayuda benshi bari baje kugarukira kuri Mariya bizera Yesu, bamaze kubona ivyo akoze.
Nitwamureka akabandanya uku, abantu bose bazomwizera, maze Abaroma baze bigarurire urusengero rwacu n’igihugu cacu.”
Ivyo vyatumye abakuru b’abaherezi bagira imigambi yo kwica Lazaro na we,
Ni co gituma abantu benshi barondera iyo ari. Bari bumvise ko yakoze ico gitangaza.
Ariko rero benshi baramwizeye, harimwo na bamwe mu bakuru b’Abayuda. Ariko ntibavyemera ku mugaragaro kubera gutinya ko Abafarisayo babirukana mw’isinagogi;
Ariko benshi mu bari aho baramwizeye, bavuga bati: “None Kristo niyaza azokora ibitangaza birenze ivyo uwu ariko arakora?”
Abayuda babonye ayo masinzi bagira ishari, batangura kuvuga ibinyuranye n’ivyo Pawulo yariko aravuga, banamutuka.