Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 11:41 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

41 Nuko bakuraho ca kibuye. Maze Yesu arangamiza hejuru aravuga ati: “Data, ndagushimiye kuko unyumva iyo nsenga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

41 Nuko bakūrah’ ikibuye. Buno Yesu ararangamiza, ati Data, ndagushima ko wanyumvirije.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 11:41
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uwo mwanya Yesu aravuga ati: “Ndagushima Data, Mwami w’ijuru n’isi, kuko ivyo wabihishije abigira abanyabwenge n’abahinga, ukabihishurira abameze nk’abana bato.


Egome Data, kuko uko ari ko washimye kubikora.


hanyuma agishira mu mva nshasha yari aherutse kwiyimbishiriza mu gitandara. Nuko aca atembagariza ikibuye kinini ku muryango w’iyo mva arayugara.


Maze Yosefu aca agura igitambara cera, akura ikiziga ca Yesu ku musaraba, akizingira muri ico gitambara cera, aca agishira mu mva yimbwe mu gitandara; aca atembagariza ikibuye kinini ku bwinjiriro bwa ya mva arayugara.


Muri ako kanya, Yesu yuzura umunezero wa Mpwemu Yera, aca avuga ati: “Ndagushima Data, Mwami w’ijuru n’isi, kuko ivyo wabihishije abigira abanyabwenge n’abahanga, ukabihishurira abameze nk’abana bato. Egome Data, kuko uko ari ko washimye kubikora.


Ariko wa mutozakori ahagarara kure, ntiyubahuka no kurangamiza mw’ijuru, yamara yikubita ku gikiriza, avuga ati: ‘Mana, ngirira imbabazi, jewe umunyavyaha.’


Bahashitse, basanga ikibuye cari cugaye imva catembagajwe,


Ariko n’ubu ndazi ko ico usaba Imana cose ikiguha.”


Yesu ahejeje kuvuga ayo amajambo, arangamiza mw’ijuru asenga ati: “Data, igihe kirashitse. Nuheshe Umwana wawe icubahiro, kugira ngo na we aguheshe icubahiro.


Kare mu gitondo ku musi wa mbere w’indwi, mu bucagucagu, Mariya Magadalena yazindutse ku mva asanga ca kibuye cari cugaye imva cakuweho.


Ariko Sitefano yuzuye Mpwemu Yera, arangamiza mw’ijuru, abona ubwiza b’Imana, abona na Yesu ahagaze i buryo bw’Imana.


Ntimukiganyire ku kintu na kimwe, ariko ivyo mukeneye vyose mubimenyeshe Imana mu gusenga no mu kwinginga, bifatanije no gukenguruka.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ