36 Abayuda bari aho baravuga bati: “Ehe ingene yamukunda!”
36 Abayuda baravuga, bat’ Eh’ ingene yamukunda.
Abayuda benshi bari baje kwa Marita na Mariya kubaremesha inyuma y’urupfu rwa musaza wabo.
Nuko bashiki ba Lazaro batumako Yesu bati: “Mwami, umwe ukunda ararwaye.”
kandi mugendere mu nzira y’urukundo, nk’uko Kristo yadukunze akitanga ku bwacu ngo abe ubumote bwiza n’ikimazi bihabwa Imana.
Bagabo, mukunde abagore banyu, nk’uko Kristo yakunze ishengero akaryigura
Nimurabe urukundo Data yadukunze kugeza aho atwita abana biwe! Kandi koko turi bo! Igituma ab’isi batazi ko turi abana n’Imana ni uko batayimenye.
no kuri Yesu Kristo we cabona co kwizigirwa, imfura mu bapfuye, umutware aganza abami bo kw’isi bose, bibane namwe. Icubahiro cose kibe ic’uwadukunze, akatubohora mu vyaha vyacu abanje gusesa amaraso yiwe.