34 Arababaza ati: “Mwamuhamvye he?” Baramwishura bati: “Mwami ingo wirabire.”
34 arababaza, ati Mwamutaye hehe? Bati Mugenzi, ngwino urābe.
Ntari hano, yazutse, nk’uko yari yarabivuze. Nimuze murabe aho umubiri wiwe wari uryamye.
Kandi ico gihe Mariya Magadalena na Mariya nyina wa Yose bariko bararaba aho bashize ikiziga ca Yesu.
Na we arabaremesha ati: “Ntimugire ubwoba! Ndazi ko murondera Yesu w’i Nazareti, umwe babamba. Ntari hano kuko yazutse! Nimuze murabe aho bari baryamitse ikiziga ciwe!
Arabishura ati: “Nimuze muhirabire.” Aho hari nk’isaha cumi. Nuko bajana na we, babona aho yatse indaro, baca bamarana na we uwo muhingamo.
Yesu abonye amarira ya Mariya n’ay’Abayuda bari bazananye na we, afatwa n’ibigumbagumba arababara cane.
Yesu aca ararira.
Nuko ariruka aja kurondera Simoni Petero na wa mwigishwa wundi Yesu yakunda, arababwira ati: “Bakuye Umwami mu mva, kandi ntituzi iyo bamushize.”