22 Ariko n’ubu ndazi ko ico usaba Imana cose ikiguha.”
22 Kandi n’ubu ndazi kw ivyo wosaba Imana vyose, Imana yobiguha.
Maze Yesu arabegera, ababwira ati: “Nahawe ububasha bwose mw’ijuru no mw’isi.
Yesu aravuga ati: “Uvuze uti: ‘Nimba noshobora kugira ico nkoze?’ Vyose bishobokera uwizera.”
Yesu aramubwira ati: “Musazawe azozuka.”
Wamuhaye ububasha ku bantu bose kugira ngo ahe ubugingo budashira abo wamuhaye bose.
Se arakunda Umwana kandi yamuhaye kuganza vyose.
Turazi ko Imana itumva ugusenga kw’abanyavyaha, ariko ko yumva ugusenga kw’umuntu ayubaha agakora ivyo ishaka.