17 Yesu ashitse i Betaniya, asanga Lazaro amaze imisi ine ari mu mva.
17 Nuko Yesu ashitse asanga amaze imisi ine mu mva.
Uku ni ko ukuvuka kwa Yesu ari we Kristo kwagenze: nyina wiwe Mariya yari akowe na Yosefu, ariko imbere y’uko babana, asama inda ivuye ku bushobozi bwa Mpwemu Yera.
Yesu arababwira ati: “Nimukureho ico kibuye.” Ariko Marita, mushiki w’uwapfuye aramubwira ati: “Mwami, honuka cane kuko amazeyo imisi ine!”
Yesu arabishura ati: “Nimusambure uru rusengero, nanje ndarwubaka mu misi itatu.”