Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 10:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ivyo Yesu yabibabwiye mu mugani, kandi abamwumviriza ntibashoboye gutahura ico ashatse kuvuga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Yesu abacira uwo mugani, ariko bo ntibatahura ivyo ababgira ivy’ ari vyo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 10:6
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ivyo vyose Yesu yabibwira abantu mu migani; nta kintu na kimwe yababwira adakoresheje imigani.


Yesu abaza abigishwa biwe ati: “Mbega ivyo murabitahura?” Na bo bati: “Egome.”


Nta kintu na kimwe yabigishije adakoresheje imigani. Ariko asigaranye n’abigishwa biwe bonyene, yaca abasigurira vyose.


Ibi ndabibabwiye mu migani, ariko igihe kiraje aho ntazosubira kubigishiriza mu migani, ariko nzobabwira ivya Data ndabitomoye.


Maze abigishwa biwe baramubaza bati: “Ubu rero uriko uvuga udakoresheje imigani.


Maze Abayuda batangura guharira hagati yabo bashavuye bati: “Ni gute uwu mugabo yoduha umubiri wiwe ngo tuwurye?”


Benshi bo mu bigishwa biwe bavyumvise baravuga bati: “Izi nyigisho ziragumye. Ni nde yozemera?”


Yashatse kuvuga iki aho yavuga ngo: ‘Muzondondera ariko ntimuzombona,’ canke ngo: ‘aho ngiye ntimushobora kuhashika’?”


Ariko ntibashoboye gutahura ko ariko avuga Se.


Ni kuki mudatahura inyigisho zanje? Ni kubera mudashobora no kwumviriza amajambo yanje.


Umuntu adafise Mpwemu ntashobora kwakira ibiva kuri Mpwemu w’Imana, kuko bisa n’ubujuju kuri we, kandi ntashobora kubitahura kuko bisesangurwa biciye muri Mpwemu.


Kuri bo wa mugani warashitse ngo: “Imbwa isubiye ku vyo idashwe,” kandi ngo: “Ingurube yari yogejwe isubiye kwivayanga mu vyondo.”


Turazi kandi ko Umwana w’Imana yaje akaduha ugutahura, kugira ngo tumenye Imana nyakuri. Ubu turi mu Mana nyakuri kuko turi mu Mwana wayo, Yesu Kristo. Ni we Mana nyakuri kandi ni we bugingo budashira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ