26 ariko ntimwizera kuko mutari abo mu ntama zanje.
26 Ariko ntimwizera, kuko mutar’ abo mu ntama zanje.
Intama zanje zumva ijwi ryanje; ndazizi na zo zirankurikira.
Amaze kuzisohora zose, azija imbere, na zo zikamukurikira kuko zizi ijwi ryiwe.
Ariko abo Data yampaye bose, bazoza aho ndi kandi sinzokwigera ndabirukana.
Yongerako ati: “Ni co gituma nababwiye ko ata muntu ashobora kuza aho ndi atabishobojwe na Data.”
Uwuva ku Mana wese yakira amajambo y’Imana. Mwebwe ntimuyakira kuko mutari ab’Imana.”
Twebwe turi ab’Imana, kandi abazi Imana baratwumviriza; ariko abatari ab’Imana ntibatwumviriza. Uko ni ko dushobora gutandukanya umuntu afise Impwemu y’ukuri n’umuntu afise impwemu y’ibinyoma.