Nsaba Imana yo nyene icubahiro cose, Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, Data w’ubwiza buhebuje, ngo abahe Mpwemu w’ubwenge no guhishurirwa, kugira ngo murushirize kumumenya.
Ikirenze kuri ivyo, ni uko ibintu vyose ndavyiyumvira nk’ibitagira ikimazi kubera kumenya ikibirengeye ari co Kristo Yesu, Umwami wanje. Ku bw’uwo, nahevye ibindi vyose, ndabihindura ubusa kugira ngo ndonke Kristo,
Ni co gituma ndiko ndababazwa uku. Ariko singira isoni kuko ndazi uwo nizeye, kandi sinkekeranya ko ashoboye kuzigama ico namubikije gushika ku musi w’ukugaruka kwiwe.
Turazi kandi ko Umwana w’Imana yaje akaduha ugutahura, kugira ngo tumenye Imana nyakuri. Ubu turi mu Mana nyakuri kuko turi mu Mwana wayo, Yesu Kristo. Ni we Mana nyakuri kandi ni we bugingo budashira.
Ndazi ko uba mu gisagara Satani afisemwo intebe y’inganji, ariko wumiye kw’izina ryanje. Ntiwamvuyeko no mu gihe ca Antipa, icabona canje c’ukwizigirwa, uwagandaguriwe muri mwebwe, mu gisagara ca Satani.