13 Umucangero arahunga kuko akorera amahera kandi atababaye intama.
13 Arahunga, kukw ar’ umucangero, atababaye intama.
Umucangero arahunga iyo abonye ibingira rije. Arata intama agahunga kuko atari umwungere wazo kandi intama zitari iziwe, maze rya bingira rikitera mu ntama rikazishwiragiza.
Jewe ndi umwungere mwiza; ndazi intama zanje kandi na zo ziranzi,
Ivyo ntiyabivuze abitewe no kubabara aboro, ariko yabitewe n’uko yari umusuma. Ni we yari ajejwe ububiko bw’amahera y’abigishwa, kandi kenshi yarayihako akayakoresha ivyiwe.
Nabo baca basimbira kuri Sositene umukuru w’isinagogi, bamukubitira aho nyene imbere y’inzu y’ubucamanza. Ariko Galiyo ntiyavyitaho.
Nipfuza ko mubaho mwidegemvya, ata mwitwarariko w’ivy’ubu buzima. Umugabo atarongoye yitwararika ibikorwa vy’Umwami, akama arondera kumunezereza.
Ariko uwarongoye yitwararika ivy’ino si, arondera ingene yonezereza umugore wiwe.
Nta wundi n’umwe mfise abitwararitse vy’ukuri nka we.