Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 1:47 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

47 Yesu abonye Natanayeli aje amutumbereye, amuvugako ati: “Ng’uwu Umwisirayeli w’ukuri atagira ubugunge.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

47 Yesu abona Natanayeli aza kuri we, amuvugako, at’ Ehe Umwisirayeli vy’ukuri, atarimw’ ubugunge.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 1:47
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ntiyari akeneye ko bamubwira uko umuntu ameze, kuko yari azi ibiri mu mutima w’umuntu wese.


Yesu aramubwira ati: “Genda uhamagare umugabo wawe uce ugaruka.”


Nuko Yesu abwira Abayuda bari bamwizeye ati: “Ikizokwerekana ko muri abigishwa banje vy’ukuri ni ugushira mu ngiro inyigisho zanje.


Baramwishura bati: “Data ni Aburahamu.” Yesu arababwira ati: “Iyo muba muri abana ba Aburahamu, mwari gukora ivyo Aburahamu yakora.


Abo mvuga ni Abisirayeli: Imana yabagize abana bayo, ibahishurira ubwiza bwayo, igiriranira amasezerano na bo, ibaha n’ivyagezwe vyayo. Yabahaye kandi ibakwe ryo kuyisenga ibaha n’amasezerano yayo.


Ivyo ntibisigura ko ivyo Imana yasezeraniye Abisirayeli vyabaye impfagusa. Haba na mba! Kuko abavukiye mw’ihanga rya Isirayeli bose si Abisirayeli.


Kuko, twebwe dusengera Imana muri Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, kandi ntitwishimire ivy’umubiri, ni twebwe twakebwe vy’ukuri.


Mwiyambure rero ingeso mbi zose. Muve mu bubeshi, uburyarya, ishari, hamwe n’amajambo mabi yose.


“Ntiyigeze acumura na rimwe, kandi ntiyigeze abesha umuntu n’umwe.”


Nta bubeshi bwava mu kanwa kabo kandi ntibagira umugayo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ