Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 1:46 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

46 Natanayeli aramubaza ati: “Hari iciza cova i Nazareti?” Filipo aramwishura ati: “Ingo uvyirabire.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

46 Natanayeli aramubaza, ati Mbeg’ i Nazareti hova iciza? Filipo aramubgira, ati N’uze urābe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 1:46
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

hanyuma hakaza Filipo na Baruteremi; hagasubira Toma na Matayo umutozakori; Yakobo mwene Alufayo, na Tadeyo;


baca baja kuba mu gisagara citwa Nazareti. Uko ni ko ivyo abavugishwa n’Imana bavuze vyashitse ngo: “Azokwitwa Umunyenazareti.”


Ni kuki mudashobora guca urubanza, mugahitamwo ikibereye?


Filipo yava mu gisagara citwa Betesayida, ari na co Andereya na Petero bavamwo.


Nuko Filipo asanga Natanayeli aho ari, amubwira ati: “Twabonye umwe Mose yavugako mu vyagezwe, n’abavugishwa n’Imana bakamwandikako. Ni Yesu w’i Nazareti, mwene Yosefu.”


Nuko begera Filipo yava i Betesayida mu ntara ya Galilaya baramubwira bati: “Mushingantahe, twipfuza kubona Yesu.”


Filipo aramubwira ati: “Mwami, twereke Data, ivyo bizoba bikwiye.”


“Nimuze murabe umuntu yambwiye ivyo nakoze vyose. Ashobora kuba ari we Kristo.”


Yesu abonye abantu isinzi baje bamugana, abarira Filipo ati: “Ni hehe twogurira ivyokurya vyo kugaburira aba bantu bose?”


Filipo aramwishura ati: “Naho tworonka idenariyo amajana abiri, ntitwokuramwo ivyokurya bikwiye n’umutamiro w’umwe umwe.”


Na bo baramwishura bati: “Mbega nawe uva i Galilaya? Urasoma neza Ivyanditswe uzobona ko ata wuvugishwa n’Imana ava i Galilaya!” [


ariko mubusuzume bwose, hanyuma mwumire ku vyiza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ