Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 1:34 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Ivyo narabibonye, ni co gituma nshinga intahe ko uwo ari Umwana w’Imana.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Nanje narabibonye, narabishingiye intahe yuk’ uyo ar’ Umwana w’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 1:34
42 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Data yaranyizigiye anzeza vyose. Nta n’umwe azi Umwana atari Data, kandi nta n’umwe azi Data atari Umwana, n’uwo Umwana ahisemwo kumuhishurira.


Simoni Petero aramwishura ati: “Uri Kristo, Umwana w’Imana nzima.”


Akiriko aravuga, haza igicu cera derere kirabatwikira. Hanyuma ijwi ryumvikanira muri ico gicu, rivuga riti: “Uwu ni Umwana wanje nkunda cane kandi ampimbara. Nimumwumvirize!”


Ariko Yesu aguma ahoze. Maze umuherezi mukuru aca aramubwira ati: “Mw’izina ry’Imana nzima, tubwize ukuri: Uri Kristo, Umwana w’Imana?”


bakamubwira bati: “Wewe wavuze ko wosambura urusengero ukarwubaka mu misi itatu. Nimba uri Umwana w’Imana niwikize wikure ku musaraba!”


Yizigiye Imana, rero Imana nimba imukunda nimutabare kuko yavuze ati: “Ndi Umwana w’Imana.”


Umusoda mukuru w’Umuroma hamwe n’abasoda yari arongoye mu gucunga Yesu, babonye ukunyiganyiga kw’isi hamwe n’ibibaye vyose, bafatwa n’ubwoba bwinshi, bavuga bati: “Ni ukuri uwu yari Umwana w’Imana!”


Hanyuma ijwi ryumvikana rivuye mw’ijuru rivuga riti: “Uwu ni Umwana wanje nkunda, akampimbara.”


Umugeragezi aca aramwegera, amubwira ati: “Niwaba uri Umwana w’Imana, bwira aya mabuye ahinduke imikate.”


amubwira ati: “Niwaba uri Umwana w’Imana, niwikororere hasi, kuko handitswe ngo: ‘Azotegeka abamarayika biwe bakuzigame. Bazokurerura mu maboko yabo kugira ngo ntutsitare kw’ibuye.’”


Bamubonye, abo badayimoni baca barasemerera bati: “Uturonderako iki ga Mwana w’Imana? Uje kutubabaza kandi igihe cacu kitaragera?”


Iyi ni yo ntango y’Ubutumwa Bwiza bwa Yesu Kristo, Umwana w’Imana.


Maze ijwi ryumvikana rivuye mw’ijuru riti: “Uri Umwana wanje nkunda, ukampimbara.”


Na we aramwishura ati: “Mpwemu Yera azokuzako, ububasha bw’Iyisumbavyose bugutwikire. Ni co gituma umwana azovuka azoba uwera, yitwe Umwana w’Imana.


Mpwemu Yera amanuka kuri we mw’ishusho y’inuma. Maze ijwi ryumvikana rivuye mw’ijuru riti: “Uri umwana wanje nkunda kandi urampimbara.”


Nta muntu n’umwe yigeze abona Imana. Ariko Umwana w’ikinege, na we ubwiwe asanzwe ari Imana, akaba ari mu gikiriza ca Se, ni we yayiduhishuriye.


Natanayeli aca aravuga ati: “Rabi, uri Umwana w’Imana, uri Umwami wa Isirayeli.”


none vyocura iki ku wo Data yatoranije nk’uwiwe bwite hanyuma akamurungika kw’isi? Ni kuki munyagiriza ko ntutse Imana, mvuze nti: ‘Ndi Umwana w’Imana’?


Marita aramwishura ati: “Egome Mwami, ndizera ko uri Kristo, Umwana w’Imana, umwe ategerezwa kuza mw’isi.”


Abakuru b’Abayuda baramwishura bati: “Dukurikije ivyagezwe vyacu, akwiye gupfa kuko yiyise Umwana w’Imana.”


Toma aramubwira ati: “Mwami wanje, Mana yanje!”


Ariko ibi vyanditswe kugira ngo mwizere ko Yesu ari Kristo, Umwana w’Imana, kandi kugira ngo mumaze kwizera muronke ubugingo mw’izina ryiwe.


Twebwe twarakwizeye turatahura ko uri Uwera w’Imana.”


mu buryo bw’impwemu y’ubugororotsi agaragara ari Umwana w’Imana mu kuzuka mu bapfuye ku bw’ubushobozi bwa Mpwemu Yera. Uwo ni Yesu Kristo Umwami wacu.


Mu Mwana w’Imana Yesu Kristo, uwo twe na Silasi na Timoteyo twabigishije, ntiharimwo “Egome” na “Oya,” muri we ni “Egome” gusa.


Nta ho tubona ko yari afise se canke nyina, canke ba sekuruza. Nta ho tubona ko yavutse canke yapfuye. Asa n’Umwana w’Imana kuko yama ari umuherezi ibihe vyose.


Umuntu wese ahakana Umwana, ntaba afise na Data; ariko uwemera Umwana aba afise na Data.


Umuntu wese abandanya akora ivyaha ni uwa wa mubi, kuko uwo mubi yamye akora ivyaha kuva mu ntango. Ariko Umwana w’Imana yaje gusambura igikorwa ca wa mubi.


Uku ni ko Imana yatweretse urukundo rwinshi idukunda: yatumye umwana wayo w’ikinege mw’isi kugira ngo tugire ubugingo budashira ku bwiwe.


Turazi kandi ko Umwana w’Imana yaje akaduha ugutahura, kugira ngo tumenye Imana nyakuri. Ubu turi mu Mana nyakuri kuko turi mu Mwana wayo, Yesu Kristo. Ni we Mana nyakuri kandi ni we bugingo budashira.


Umuntu wese azimira akava mu nyigisho za Kristo nta bucuti afitaniye n’Imana. Ariko umuntu wese aguma mu nyigisho za Kristo afitaniye ubucuti na Data n’Umwana.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Tuwatira uti: Umwana w’Imana, uwufise amaso aca ibibatsi nk’imbeya z’umuriro, akagira n’ibirenge vyakaka nk’umuringa, aravuga ati.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ