Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 1:31 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

31 Nanje ubwanje sinari ndamuzi, ariko icatumye nza mbatiza mu mazi, kwari ukugira ngo ahishurirwe Abisirayeli.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

31 Nanje sinaribgamumenye, ariko kugira ngo yerekwe Abisirayeli, ni co catumye nanje nza mbatiza mu mazi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 1:31
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hanyuma Yesu ava i Galilaya aja kuri Yorodani ngo abatizwe na Yohana.


Bamaze kwatura ivyaha vyabo yaca ababatiza mu ruzi Yorodani.


Azogendera imbere y’Umwami Imana afise impwemu n’ububasha nk’ivya Eliya, kugira ngo agarukane imitima y’abavyeyi ku bana babo, abatumvira Imana na bo abagarukane ku bwenge bw’abagororotsi; uko ni ko azotegurira abantu kwakira Umwami Imana.”


Uwu ni we navuga, igihe navuga nti: ‘Uwuje inyuma yanje aranduta cane, kuko yariho jewe ntarabaho.’


Maze Yohana ashinga intahe avuga ati: “Nabonye Mpwemu Yera amanuka ava mw’ijuru mw’ishusho y’inuma, amugumako.


Nanje ubwanje sinari ndamuzi, ariko uwantumye kubatiza mu mazi ni we yambwiye ati: ‘uwo uzobona Mpwemu yururukirako akamugumako, ni we azobatiza abantu muri Mpwemu Yera.’


aza gushingira intahe uwo muco kugira ngo bose bizere kubera intahe yiwe.


Pawulo arababwira ati: “Umubatizo wa Yohana wari uwo kwihana. Yahamagarira abantu kwizera uwagira aze inyuma yiwe, uwo na we ni Yesu.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ