Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 1:26 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Yohana arishura ati: “Jewe mbatiza abantu mu mazi, ariko hagati muri mwebwe hahagaze umuntu mutazi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Yohana arabishura, ati Jeho mbatiza mu mazi; hagati muri mwebge hahagaze uwo mutazi,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 1:26
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Jewe ndababatiza mu mazi kuko mwihanye ivyaha, ariko uwuje inyuma yanje arandusha ubushobozi, mbere ntibimbereye no kumutwaza ibirato. We azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.


Bamaze kwatura ivyaha vyabo yaca ababatiza mu ruzi Yorodani.


Jewe ndababatiza mu mazi, ariko we azobabatiza muri Mpwemu Yera.”


Nuko Yohana abwira bose ati: “Jewe ndababatiza mu mazi. Ariko hagiye kuza uwundusha ubushobozi; ntibimbereye no gupfundurura utugozi tw’ibirato vyiwe. We azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.


Ivyo bazobikora kuko batamenye Data nanje ntibamenye.


Data ugororotse, naho isi itakuzi, jewe ndakuzi, kandi aba barazi ko ari wewe wantumye.


Ubu ni bwo bugingo budashira: ko bakumenya wewe, Imana y’ukuri yonyene, na Yesu Kristo, uwo watumye.


Na bo baramubaza bati: “Mbega So ari he?” Yesu arabishura ati: “Ntimunzi kandi na Data ntimumuzi. Kuko iyo mumenya uwo ndi we, na Data mwari kumumenya.”


Kuko Yohana yabatiza mu mazi, ariko mu gihe gito, muzobatizwa muri Mpwemu Yera.”


Nca nibuka ivyo Umwami Yesu yavuze, ati: ‘Yohana yabatiza mu mazi, ariko mwebwe muzobatizwa muri Mpwemu Yera.’


Pawulo arababwira ati: “Umubatizo wa Yohana wari uwo kwihana. Yahamagarira abantu kwizera uwagira aze inyuma yiwe, uwo na we ni Yesu.”


Nimurabe urukundo Data yadukunze kugeza aho atwita abana biwe! Kandi koko turi bo! Igituma ab’isi batazi ko turi abana n’Imana ni uko batayimenye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ