24 Mu bari barungitswe kubaza Yohana harimwo Abafarisayo.
24 Kand’ abo bātumwe bār’ Abafarisayo;
Yemwe mwa mpumyi z’Abafarisayo! Banza mwoze imbere h’igikombe n’isahani hanyuma n’inyuma hazoheza habe heza.
Yesu ahejeje kuvuga ivyo, aca ava aho hantu. Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe baca batangura kumugwanya cane, bamubaza ibibazo ku bintu bitandukanye,
Abafarisayo, kubera ko bakunda amahera cane, bumvise ivyo vyose baca baramutwenga.
Ariko Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe bo banka umugambi w’Imana kuri bo, kuko bari baranse ko Yohana ababatiza.)
Nuko Yohana yishura akoresheje amajambo y’uwavugishwa n’Imana Yesaya ati: “Ndi ijwi ry’uwusemerera mu bugaragwa ati: ‘Nimugororere Uhoraho inzira.’”
Nuko baramubaza bati: “None nimba utari Kristo, ntube Eliya, canke uwuvugishwa n’Imana, ni kuki ubatiza?”
Mu bisanzwe, Abasadukayo bavuga ko ata kuzuka, ata bamarayika canke impwemu bibaho, ariko Abafarisayo bo bemera ko ivyo vyose bibaho.
Baranzi neza kuva kera, kandi bashatse bobishingira intahe ko nabayeho nk’umwe mu Bafarisayo, umuce urusha iyindi mu gushimikira ku migenzo mw’idini ryacu.