Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yakobo 5:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Mwabaye mw’isi muri mu bihimbaro bikomeye, muhaza icipfuzo cose. Mwarigaburiye muravyibuha kurya kw’ibitungwa bategurira kubagwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Mwidibamiye mw isi, mwihaye ibibahimbara: mwifunereje mu mitima ku musi wo gukekagurwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yakobo 5:5
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Habaye umutunzi yama yambaye mpuzu nziza z’igiciro kinini, kandi mu buzima bwiwe bwa misi yose yibera mu misi mikuru.


Ariko Aburahamu aramwishura ati: ‘Mwana wanje, ibuka ingene mu buzima bwawe kw’isi waronse ivyo wipfuza vyose, Lazaro na we aba mu magorwa menshi. Ubu ariko arahozwa, na we uri mu mibabaro.


Twigenze neza nk’abagenda ku murango. Twirinde kudandahirwa no kuborerwa. Twirinde ubusambanyi no kugendera mu biteye isoni. Twirinde gutongana no kugiriranira ishari.


Ariko umupfakazi abayeho yinezereza gusa aba yarapfuye naho yoba ari muzima.


Bazoba abahemu, batazi kugenza buhoro, buzuye ukwishira hejuru, bakunda ibibanezereza bakabirutisha Imana.


Bazosubirizwa mu nkoko ibibi bakoze. Birabanezera gukora ibiteye isoni ku murango. Iyo musangira na bo mu gihe c’imisi mikuru, ni agatetereza n’agasembwa muri mwebwe, kandi banezerererwa ubwo bubeshi bwabo.


Kubana na bo iyo musangira mu misi mikuru y’urukundo nk’abizera ni agatetereza, kandi ivyo babikora ata co basonera. Bameze nk’abungere biragira ubwabo. Bameze nk’ibicu bitagira imvura bikubebwa n’umuyaga. Bameze kandi nk’ibiti bitagira ivyamwa mu gihe c’iyera, vyaranduranywe n’imizi bipfa kabiri.


Cishize hejuru, cibera mu bikayangana; none nimucishure imibabaro n’ivyago. Cirata mu mutima kiti: ‘Nganje nk’umwamikazi; sindi umupfakazi, kandi sinzokwigera ngandara.’


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ