Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yakobo 5:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Bene Data, nihaba hariho uwataye inzira y’ukuri maze uwundi akamugarukana,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Bene Data, ni hagira umuntu muri mwebge azimira, akava ku vy’ ukuri, uwundi akamuzimurura,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yakobo 5:19
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mwene So niyagucumurako, ugende umwihereranye muri babiri umwereke icaha yagukoreye. Niyakwumviriza akemera kwihana, uzoba wiyujuje na mwene So.


Ariko, wewe nagusengeye kugira ngo ntutakaze ukwizera, kandi niwamara kwihana ukangarukako uze ukomeze bene So.”


Bene Data, nihagira uwufatwa ariko akora icaha, mwebwe muhagaze neza muri Mpwemu, mwategerezwa kumufasha gusubira mu nzira nziza mu bugwaneza. Ariko namwe nyene mwirinde cane kugira ngo ntumugeragezwe nka we.


Gukunda amahera ni umuzi w’ibibi vyose. Bamwe bagize umwitwarariko mwinshi wo kuronka amahera, maze bangarira kure y’ukwizera kw’ukuri, bita mu bibahagarika imitima.


Bamwe barataye ukwizera bakurikira ubwo bupfu. Ubuntu bubane namwe mwese.


Bataye inzira y’ukuri, bigisha ko izuka ry’abapfuye ryamaze kuba, maze basambura ukwizera kwa bamwe.


Kuko na we ubwiwe ari umunyantege nke mu buryo bwinshi, arashobora gutahura abantu bagendera mu butamenya bagakora ibitari vyo.


Bene Data bakundwa, mumenye iki: umuntu wese yihute kwumva, yitonde mu kuvuga, atebe kuraka,


Ariko nimwaba mwuzuye ishari, umururazi n’ukwikunda, ntimwishimire ubwo bwenge kuko mwoba mwihakanye ukuri.


mwibuke ibi: uwukuye umunyavyaha mu nzira yiwe y’ubuzimire aba amukijije urupfu kandi atuma ivyaha vyiwe vyinshi biharirwa.


Nuko rero, bakundwa, ko musanzwe mubizi, mwame mugavye kugira ngo ntimuzimizwe n’inyigisho mbi z’abantu b’abagarariji ngo munyiganyige muve mu kibanza canyu.


Abo bazobona ibara! Bajanye inzira ya Kayini, bakurikira amaronko maze barwa mu mutego Balamu yaguyemwo; bazohona kuko bagararije nka Kora.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ