Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yakobo 4:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Nuko, mwicishe bugufi imbere y’Imana. Mugwanye wa mubi, na we azobahunga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Nuko mugamburukire Imana, ariko murwanye wa Murwanizi, na we azobahunga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yakobo 4:7
32 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mwakire umutwaro wanje hanyuma munyigireko kuko ndi umugwaneza kandi nicishije bugufi mu mutima, namwe muzoronka uburuhukiro bw’imitima yanyu.


None rero Mwami Agiripa, numviye ivyo neretswe bivuye mw’ijuru.


Ariko haguruka ushike mu gisagara, ni ho uzobwirirwa ivyo ukwiye gukora.”


Kuko batatahuye inzira ituma abantu bemerwa n’Imana nk’abagororotsi, bakanka no kwisunga iyo nzira, baciye bicira inzira yabo yo kwemerwa n’Imana mu kugerageza kwubahiriza ivyagezwe.


Ivyanditswe Vyera bivuga biti: “ ‘Ndahiye ukubaho kwanje,’ ni ko Uhoraho avuze, ‘amavi yose azompfukamira; n’indimi zose zizokwatura ko ndi Imana.’ ”


Umwe wese agamburukire mugenziwe abitewe no kwubaha Kristo.


Nuko rero mwambare ibigwanisho vyose vy’Imana, kugira ngo ku musi ikibi caje, muze mushobore guhagarara mudatsinzwe kandi mumaze gukora vyose, mukomeze guhagarara mushikamye.


Nimba ba data bo kw’isi baraduhana tukabubaha, dukwiye kurushiriza kugamburukira Data w’impwemu, kugira ngo tubeho.


Ku bw’Umwami wacu, mwubahe ababaganza: umukuru w’igihugu kuko ari we ari hejuru ya bose,


Nuko rero mwicishe bugufi, musi y’ikiganza c’Imana c’ubushobozi kugira ngo ize ibashire hejuru mu gihe gikwiye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ