Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yakobo 4:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Bene Data nkunda, ntimuvuge abandi nabi. Iyo mutanguye kuvugana nabi canke mugaciranira imanza, muba muvuze nabi ivyagezwe n’Imana, kandi muba mubiciriye urubanza. Igihe muciriye urubanza ivyagezwe, aho kuvyumvira, muba mubaye abacamanza bavyo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Bene Data, ntimuvuganane nabi. Ūvuga nabi mwene Se, cank’ ūhinyurira mwene Se ku mutima, aba avuze nabi ivyagezwe, ni vyo aba ahinyuye. Arikw iy’ uhinyura ivyagezwe, ntuba uvyitondera, uba ubaye umucamanza wavyo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yakobo 4:11
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ntimugacire imanza abandi, kugira ngo namwe ntimuzonegurwe. Ntimugatsindishe abandi, kugira ngo namwe ntimuzotsindishwe. Mugire imbabazi, ni ho namwe muzozigirirwa.


None rero, wewe ushobora kwibaza ko wocira imanza abameze batyo, ariko nawe umeze nka bo nta co wokwireguza. Kuko nimba ucira imanza abandi kandi ukora nk’ivyo bakora, na wewe uba wiciriye urubanza.


Kuko kwumva gusa ivyagezwe ntikutugira abagororotsi mu maso y’Imana, ahubwo kuvyumvira ni kwo kutugira abagororotsi mu maso yayo.


Mbega none tuvuge iki? Tuvuge ko ivyagezwe ari icaha? Haba na mba! Ahubwo ivyagezwe vyatumye menya icaha ico ari co. Mu vy’ukuri sinari kwigera menya ico ari co kwipfuza, iyo ivyagezwe bitaba bivuga ngo: “Ntukipfuze.”


Ni co gituma mudakwiye guca urubanza igihe co guca imanza kitaragera; nimurindire gushika Umwami Yesu agarutse. Ni we azonyegurura ivyanyegejwe mu mwijima, yongere ashire ahabona ivyiyumviro vyo mu mitima y’abantu. Aho ni ho umuntu wese azohabwa n’Imana ishimwe rimukwiye.


Kuko ndatinya ko noza nkabasanga uko ntipfuza ko muba, canke mugasanga ntameze uko mushaka ko mba. Ndatinya ko hoba hakiri imitongano, inzigo, ishari ryinshi, ukwikunda, ugutukana, urusaku, ukwishira hejuru n’ukubura urutonde mu buzima.


Mwiyambure umururazi wose, ubushangashirwe, uburake, ugutongana n’ugutukana, hamwe n’ibindi bibi vyose.


Abagore babo na bo nyene bategerezwa kuba ari abagore bubashwe, batavuga nabi abandi. Bategerezwa kuganza ingeso zabo kandi bakaba abizigirwa muri vyose.


Urukundo rwabo ruzotimba, babure uguharira. Bazonanirwa no kuganza ingeso zabo, banke iciza cose.


Abatamakazi na bo ubigishe kubaho batinya Imana, kutavuga abandi nabi kandi bataboshwe no gukunda umuvinyu, ariko bigishe abandi gukora ivyiza.


Bene Data bakundwa, mumenye iki: umuntu wese yihute kwumva, yitonde mu kuvuga, atebe kuraka,


Ariko uwusuzuma neza ivyagezwe bitunganye kandi bitanga umwidegemvyo, hanyuma agashishikara kubikora, ntiyibagire ivyo yumvise, ariko akabishira mu ngiro, uwo ni we azohabwa umugisha mu vyo akora.


Mugira neza, nimwaba vy’ukuri mukizigamye ca cagezwe kiri mu Vyanditswe kivuga ngo: “Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda.”


Bene Data, mu vyo kwihanganira imibabaro, mufatire akarorero ku bavugishwa n’Imana bavuga mw’izina ry’Umwami Imana.


Nuko rero bene Data, mwihangane gushika aho Umwami wacu azozira. Raba ingene umurimyi arindira ko umurima wiwe wera ivyimburwa kandi arorera yihanganye imvura y’agatasi n’iy’impeshi.


Bene Data, ntimwidodomberanire, kugira ngo ntimuze mutsindwe n’urubanza. Umucamanza ari ku rugi.


Mwiyambure rero ingeso mbi zose. Muve mu bubeshi, uburyarya, ishari, hamwe n’amajambo mabi yose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ