7 Mbega si bo bacokora rya zina ryiza mwitirirwa?
7 Si bo barogota kw izina ryiza mwitirirwa?
“Ehe, inkumi itarigera iryamana n’umugabo izosama inda ivyare umwana w’umuhungu hanyuma bamwite Emanuweli” (bisobanurwa ngo “Imana iri kumwe natwe”).
Ariko Abafarisayo bavyumvise baca bavuga bati: “Uwo nta kindi kimushoboza kwirukana abadayimoni atari Beyelizebuli, umukuru w’abadayimoni.”
bamubwira bati: “Nyakwubahwa, twibutse ivyo wa mubeshi yari yaravuze akiri muzima ngo: ‘Inyuma y’imisi itatu nzozuka.’
Amubonye, aca amujana muri Antiyokiya, bompi bamarana umwaka n’ishengero, bigisha abantu benshi cane. Aho muri Antiyokiya ni ho abigishwa bitiwe ubwa mbere Abakristo.
kugira ngo abandi bantu bose baze barondere Uhoraho, barimwo n’Abanyamahanga bitirirwa izina ryanje, ni ko Uhoraho abikora avuze,’
Kenshi nava mw’isinagogi nja mu yindi nkabakubitisha, nkabategeka gutuka izina rya Yesu. Muri iryo pfuhe nyeneryo kubagwanya, nashitse no mu bisagara vyo mu mahanga kubahamirayo.
Nta wundi agakiza karonkerwamwo, kuko ata rindi zina twahawe musi y’ijuru ryo gukirizwamwo.”
uwo imiryango yose yo mw’ijuru n’iyo mw’isi ikomokako.
Naho nabanje kumuvugako ibibi, ngahama ishengero, nkaba umucokoranyi, naragiriwe imbabazi kuko nabikora mu kutamenya, no mu kutizera.
Ariko nihagira uwubabazwa ahorwa kuba Umukristo, ntibikamutere isoni. Ahubwo ahimbaze Imana kubera iteka atewe ryo kwitirirwa iryo zina!
Yari yambaye ikanzu yinitswe mu maraso, kandi izina ryiwe ni Jambo w’Imana.
Kw’ikanzu yiwe no kw’itako rwiwe hari handitseko ngo: umwami w’abami, uwuganza abatware.