Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yakobo 2:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Mbega imburabwenge! Ukeneye ikikwemeza ko ukwizera kutagira ibikorwa ata co kumaze?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Ariko wa muntu w’imburakimazi we, mbeg’ ugomba kumenya ingen’ ukwizera kutagira ibikorwa ar’ ukw’ ubusa?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yakobo 2:20
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko naho bamenye Imana, ntibayubashe nk’Imana canke ngo bayishime uko bikwiye, ahubwo ivyiyumviro vyabo vyabandanije kuba bibi, imitima yabo itagira ubwenge yuzura umwijima.


None rero, tuvuga ko umuntu yemerwa nk’umugororotsi imbere y’Imana biciye mu kwizera gusa, ntibiva ku kwubahiriza ivyagezwe.


Ariko none uri nde wewe ngo uharirize Imana? Mbega ikibumbano cobwira uwakibumvye kiti: “Ni kuki wambumvye gutya?”


Kuko muri Kristo Yesu, ugukebwa canke ukudakebwa nta kimazi bifise. Igihambaye ni ukwizera gukorera mu rukundo.


Iyo wibaza ko uhambaye kandi ata co uri, uba wihenze wewe nyene.


Mwirinde ntihagire umuntu n’umwe abagira inyagano akoresheje amajambo y’uruhendo, yubakiye ku migenzo y’abantu hamwe n’ivya mbere vy’impwemu kandi vy’iyi si, ariko atari ivya Kristo.


Ivyo bamwe barabihushije, baja mu mpari zitagira ikimazi.


Kuko hari abantu benshi b’abagarariji, bavuga ibitagira ikimazi kandi babesha, kandi no mu bakebwe bakaba barimwo.


Abiyumvira ko bemewe kubera idini ryabo, ariko ntibirinde mu vyo bavuga, baba bihenda kandi kuba mw’idini kwabo nta co bimaze.


Ni ko bimeze, n’ukwizera kwonyene kudaherekejwe n’ibikorwa, kuba gupfuye.


Nk’uko umubiri utagira impwemu uba upfuye ni ko n’ukwizera kudaherekejwe n’ibikorwa kuba gupfuye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ