Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yakobo 2:18 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Ariko hariho uwoshobora kuvuga ati: “Bamwe bafise ukwizera, abandi na bo bafise ibikorwa.” Ariko, jewe nanje nomubaza nti: “Ni gute ushobora kunyereka ukwizera kwawe kandi ata bikorwa? Jewe nokwereka ukwizera kwanje mu kukwereka ibikorwa vyiza.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Nk’umuntu yovuga, ati Weho ufise ukwizera, jeho mfise ibikorwa: nyereka ukwizera kwawe kutagira ibikorwa, nanje ndakwereka ukwizera kwanje guserurwa n’ibikorwa vyanje.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yakobo 2:18
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko iyo umuntu agikekeranya ku bijanye no kurya canke kureka kurya ikintu kanaka, iyo abirenzeko akakirya, aba yihamagariye gutsindwa n’urubanza, kuko ataba yemezwa neza ko ivyo ari vyo yari akwiye gukora. Ikintu cose umuntu akora kitavuye ku kwizera kimubera icaha.


None rero, tuvuga ko umuntu yemerwa nk’umugororotsi imbere y’Imana biciye mu kwizera gusa, ntibiva ku kwubahiriza ivyagezwe.


Ivyo ni vyo Dawidi yavuga yerekana amahirwe y’umuntu yemewe n’Imana nk’umugororotsi, itaravye ibikorwa yakoze:


Ubu rero, abari muri Kristo Yesu nta rubanza rukibatsinda.


Urashobora kuvuga uti: “Nimba ibintu bimeze gutyo, ni kuki Imana ivuga ko abantu batayumvira? Mbega ni nde ashobora kwanka ugushaka kwayo?”


Naho nogira ingabire yo kuvugishwa n’Imana, nkagira ukwizera kwokwimura imisozi ariko ntagira urukundo, vyoba ari ubusa.


Kuko uwuri muri Kristo Yesu aba abaye icaremwe gishasha, ivya kera biba biheze, ibishasha biba bishitse.


None rero bene Data, ko dufise ayo masezerano, nimuze twiyeze, twiyambure ivyonona imitima n’imibiri yacu vyose. Turondere ukwezwa kuvuye ku kwubaha no gutinya Imana.


Kuko muri Kristo Yesu, ugukebwa canke ukudakebwa nta kimazi bifise. Igihambaye ni ukwizera gukorera mu rukundo.


Intumbero y’inyigisho ni ukugira ngo abizera buzure urukundo ruva mu mitima itunganye, itarimwo ijwi ribagiriza ikibi, bafise ukwizera nyakwo.


Muri vyose ubabere akarorero mu gukora ivyiza. Ivyo wigisha vyose bibonekemwo ubwizigwa no kudafata ibintu minenegwe.


Ukwizera ni kwo kwatumye Rahabu, wa mumaraya, adapfana n’abagararije Imana, kuko yakiranye umutima mwiza abatasi b’Abisirayeli.


Ukwizera ni kwo kwatumye aba bantu banesha ubwami, baganzanya ubutungane, kandi baronka ivyo Imana yari yarasezeranye. Bugaye iminwa y’intambwe,


Kandi ata kwizera, ntibishoboka ko umuntu ahimbara Imana. Umuntu wese ashaka kwegera Imana, ategerezwa kwizera ko iriho kandi ko iha impera abayirondera.


Mbega vyomara iki ga bene Data, nimba umuntu avuga ko afise ukwizera ariko ntakwerekanishe ibikorwa? Mbega ukwizera ben’ukwo kwoshobora kumukiza?


Muri mwebwe ni nde ari umunyabwenge kandi atahura? Navyerekane mu ngeso nziza ziwe, no mu bikorwa vyiwe birangwa no guca bugufi kuva ku bwenge bw’ukuri.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ