Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Tito 3:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Kuko abantu nk’abo bataye inzira y’ukuri, kandi ivyaha vyabo birabatsindisha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 kuk’ uzi yuk’ ūmeze artyo agoramye kand’ akora ivyaha, yitsindisha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Tito 3:11
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Shebuja aramwishura ati: ‘Ngira ndagucire urubanza mfatiye ku vyo wivugiye wewe nyene, wa mukozi mubi we! Nimba wari uzi ko ndi umuntu agoye, nanura ivyo ntanikiye, nkimbura ivyo ntarimye,


Ariko Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe bo banka umugambi w’Imana kuri bo, kuko bari baranse ko Yohana ababatiza.)


Uwizeye Umwana w’Imana ntashobora gutsindwa n’urubanza. Ariko uwutamwizera wese aramaze gutsindwa n’urubanza, kuko atizeye izina ry’Umwana w’ikinege w’Imana.


Pawulo na Baranaba baca barabishura ata bwoba bati: “Ni mwebwe mwari mukwiye kwumva ijambo ry’Imana ubwa mbere. Ariko ko muryanse, mukabona ko mutabereye ubugingo budashira, duhindukiriye Abanyamahanga.


Twarumvise ko hari bantu bamwe muri twebwe baje iwanyu tutabatumye, bababwira amajambo abaca ivutu, abahagarika imitima.


Noneho turazi ko ivyo ivyagezwe vyigisha biraba abaganzwa na vyo, kugira ngo ntihagire uwuronka ico yireguza kandi isi yose iboneke ko ikwiye gutsindwa n’urubanza rw’Imana.


Ibi uzokwame ivyibutsa abantu, ubihanikiririza mu nyonga z’Imana ngo bareke guharirira ku majambo, kuko ata kimazi bifise, kandi bishobora kugwisha abavyumva.


Bakwiye kuzibwa iminwa kuko bariko basambura inzu y’Imana mu kwigisha ivyo batari bakwiye kwigisha, kandi ivyo babikora ku bw’inyungu zabo mbi.


Ntibasubire gutega amatwi imigani y’Abayuda, canke amabwirizwa y’abataye ukuri.


Kuko nitwabandanya dukora ivyaha ibigirankana kandi tumaze kumenya ukuri, nta kimazi co gukura ivyaha kizoba kigisigaye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ