Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Tito 2:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Ubuntu bw’Imana buzana agakiza bwarahishuwe ku bantu bose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Kuk’ ubuntu bg’Imana bgaserutse, buzanira abantu bose agakiza,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Tito 2:11
50 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko nimugende, muhindure amahanga yose abigishwa: mubabatize mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’irya Mpwemu Yera,


Arababwira ati: “Nimugende mw’isi yose, mubwire Ubutumwa Bwiza abaremwe bose.


kandi ubutumwa bw’ukwihana n’uguharirwa ivyaha buzovugwa mw’izina ryiwe mu mahanga yose, uhereye i Yerusalemu.’


Kandi abantu bose bazobona agakiza k’Imana.’”


Jambo yahindutse umuntu abana natwe, yuzuye ubuntu n’ukuri. Natwe twariboneye ubwiza bwiwe; ni ubwiza bw’Umwana w’ikinege akura kuri Se.


Umuco w’ukuri wakira umuntu wese wariko uraza mw’isi.


Ashitseyo akibonerako ubuntu bw’Imana bwabaye kuri bo, aranezerwa cane, yongera arabinginga bose ngo bashishikare gukurikira Umwami n’imitima yabo yose.


Abantu bamaze gutaha, benshi bo mw’isinagogi y’Abayuda hamwe n’abandi bizeye Imana bakurikira Pawulo na Baranaba, na bo bagenda barabahimiriza ngo bagume mu buntu bw’Imana.


Kuko Umwami yari yadutegetse ati: ‘Nagushiriyeho kuba umuco ku Banyamahanga, kugira ngo uzoshikane agakiza ku mpera z’isi.’”


Ibihe vy’ubutamenya Imana yaravyihanganiye, ariko ubu ihamagarira abantu aho bari hose kwihana,


Ariko mbona ko ubuzima bwanje ata co bwoba bumaze hamwe ntorangiza urugendo, ngansozera igikorwa Umwami Yesu yanshinze co kubwira abantu Ubutumwa Bwiza bw’ubuntu bw’Imana.


Ariko rero ndabaza: mbega none Abayuda iryo jambo nta ryo bumvise? Egome cane bararyumvise! Kuko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Ijwi ryavyo ryumvikanye mw’isi yose; kandi ivyo yavuze vyashitse ku mpera z’isi.”


Ariko hariho itandukaniro rinini hagati y’icaha ca Adamu n’ingabire y’ubuntu bw’Imana. Ni ivy’ukuri ko abantu benshi bapfuye kubera icaha c’uwo muntu umwe. Yamara ubuntu bw’Imana n’ingabire y’imbabazi yatanze biciye ku wundi muntu, ari we Yesu Kristo, birengeye ivyo.


Tumaze kumwizera; Kristo yadushikanye muri ubu buntu turimwo, kandi dufise umunezero no kwizigira ko tuzosangira na we ubwiza bw’Imana.


None rero ko dukorana n’Imana, turabinginga ngo ntimupfishe ubusa ubuntu bw’Imana.


Simfata minenegwe ubuntu bw’Imana, kuko nimba ukugororoka kwoshobora kuronkerwa mu vyagezwe, Kristo yoba yapfiriye ubusa.”


yatugiranye bazima na Kristo igihe twari tugipfuye twishwe n’ivyaha vyacu. Ubuntu bw’Imana ni bwo bwabakijije.


Ubuntu bwayo ni bwo bwabakijije ku bw’ukwizera. Kandi n’ivyo ntivyavuye kuri mwebwe, ni ingabire y’Imana.


nimba vy’ukuri mwagumye mu kwizera, mushinzwe neza kandi mutanyiganyiga mu vyizigiro vyanyu biva mu Butumwa Bwiza. Ubwo ni bwo mwumvise kandi bwavuzwe mu vyaremwe vyose biri musi y’ijuru. Ubwo ni bwo jewe, Pawulo, nabereye umukozi.


Ubwo Butumwa Bwiza bwabashikiriye ni na bwo buriko burakwiragira kw’isi yose. Buriko burama ivyamwa bwongera bugwira, nk’uko vyagenze no muri mwebwe uhereye igihe mwabwumviye ubwa mbere, mugatahura ubuntu bw’Imana nk’uko bumeze vy’ukuri.


Umwami wacu Yesu Kristo we nyene, n’Imana Data wa twese yadukunze, kandi hamwe n’ubuntu bwayo baduhe ukuremeshwa kw’ibihe bidashira n’ivyizigiro vyiza,


Ubuntu bw’Umwami wacu bwansutsweko bugwiriye, nuzura ukwizera n’urukundo biri muri Kristo Yesu.


yo ishaka ko abantu bose bakizwa bagashika ku kumenya ukuri.


ariko buhishurwa mu kuza kw’umukiza wacu Kristo Yesu, uwasambuye rwose ububasha bw’urupfu, agashira ahabona ubuzima n’ukudapfa biciye mu Butumwa Bwiza.


Ariko Umwami Imana yabaye ku ruhande rwanje, ampa inkomezi, kugira ngo mvuge Ubutumwa Bwiza bwuzuye, Abanyamahanga bose babwumve. Umwami Imana yankuye mu menyo y’intambwe.


Mwitaneho kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe ananirwa ntashikire ubuntu bw’Imana. Mwirinde ntihakagire n’umwe muri mwebwe amera nk’umuzi urura hagati yanyu agatera uruhagarara, agatuma benshi bononekara.


Ico tubona ni iki: Yesu yagizwe uwuri musi y’abamarayika igihe gito, none ubu yambaye ubwiza n’icubahiro kuko yadupfiriye twese. Ni ku bw’ubuntu bw’Imana Yesu yapfiriye abantu bose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ