Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Tito 2:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 kandi ntibabibe, ariko berekane ko bashobora kuba abizigirwa rwose; gutyo bazotuma inyigisho z’Imana, yo Mukiza wacu, zihurumbirwa muri vyose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 badakorakora, ariko berekane ukuyoboka kwiza kwose, kugira ngo muri vyose basharize ivyigishwa vy’Imana, Umukiza wacu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Tito 2:10
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mbega umukozi w’umwizigirwa kandi w’umunyabwenge ni nde? Ni uwo shebuja ashobora guha ubukuru bwo kuganza abandi bakozi no kubagaburira ku mwanya.


Uko ni ko mukwiye kureka umuco wanyu ukakira imbere y’abantu kugira ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza, hanyuma bahimbaze So wo mw’ijuru.


kandi impwemu yanje inezererewe Imana yo Mukiza wanje,


Uwo mwana arakura, arakomera mu mpwemu, aba mu bugaragwa gushika igihe yiyerekeye Abisirayeli.


Uwubaye umwizigirwa muri bike azozezwa vyinshi, kandi uwuzotakaza ubwizigirwa muri bike azobutakaza no kuri vyinshi.


Ivyo ntiyabivuze abitewe no kubabara aboro, ariko yabitewe n’uko yari umusuma. Ni we yari ajejwe ububiko bw’amahera y’abigishwa, kandi kenshi yarayihako akayakoresha ivyiwe.


Iyo umukozi ajejwe ibintu, ico asabwa ni ukuba umwizigirwa.


Nuko, Jewe nk’imbohe y’Umwami, ndabinginga ngo mubeho ubuzima bubereye ihamagarwa ryanyu mwahamagawe n’Imana.


Muri vyose, mugire ingeso zijanye n’Ubutumwa Bwiza bwa Kristo kugira ngo, nshoboye kuza tukongera tukabonana canke bidashobotse, nzokwumve ko mushikamye kandi muri umwe mu Mpwemu, mufise umutima umwe, mugwanira ukwizera kuva ku Butumwa Bwiza.


Ibisigaye bene Data, mushire ivyiyumviro vyanyu ku vy’ukuri vyose, ivy’ukwubahwa vyose, ivy’ukugororoka vyose, ibitunganye vyose, ivy’igikundiro vyose, ibishimwa vyose. Ivyo abe ari vyo mwiyumvira.


Jewe Pawulo, intumwa ya Kristo Yesu ku bw’ugushaka kw’Imana yo Mukiza wacu, na Kristo Yesu we vyizigiro vyacu,


Abakuru b’ishengero barongoye ishengero neza bakwiye gufatwa neza na canecane abakora igikorwa co kuvuga ubutumwa no kwigisha.


Abari mu bugurano bamenye ko ba shebuja bakwiye icubahiro cose, kugira ngo izina ry’Imana n’inyigisho zacu ntibitukwe.


Abigisha inyigisho zidahuye n’ivyo Umwami wacu Yesu Kristo yigishije ari vyo bizana ukugororoka,


hanyuma igihe cayo kigeze ihishura ijambo ryayo biciye mu kuvuga Ubutumwa Bwiza nizigijwe n’icagezwe c’Imana, yo Mukiza wacu,


Ariko ubuntu n’urukundo vy’Imana yo Mukiza wacu bimaze guhishurwa,


Mugire inyifato nziza mu bo mubana batizera, kugira ngo n’aho babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, baze babone ingeso zanyu nziza, bitume bahimbaza Imana umusi izotugendera.


Mubikorane umutima utabagiriza ikibi, kugira ngo n’ababavuga nabi bazomaramare babonye ingeso zanyu nziza muri Kristo.


Umuntu wese azimira akava mu nyigisho za Kristo nta bucuti afitaniye n’Imana. Ariko umuntu wese aguma mu nyigisho za Kristo afitaniye ubucuti na Data n’Umwana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ