Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Tito 1:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Ategerezwa kuba uwuzigama neza ijambo ry’ukwizera yigishijwe, kugira ngo ashobore kuremesha abandi mu vyizerwa vy’ukuri, no gutsinda abamuhaririza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 agumya ijambo ryo kwizerwa rihūra n’ukwigisha kwacu, kugira ngw abone guhanūra abantu mu kwigisha kuzima no gutsinda abamuhāririza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Tito 1:9
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kuko akoresheje Ivyanditswe Vyera, yatsindira ku mugaragaro ivyiyumviro vy’Abayuda bamuhaririza, akabemeza ko Yesu ari we Kristo.


Ariko abatizera canke abadatahura ivyo kuvuga indimi zitamenyekana nibaza bagasanga mwese muriko muravugishwa, bazokwemezwa mu mitima yabo ko ari abanyavyaha, kandi ko bazocirirwa urubanza n’ivyo muvuga,


ariko mubusuzume bwose, hanyuma mwumire ku vyiza.


None rero bene Data, mushikame, mwumire ku vyo twabigishije, haba mu majambo twababwiye canke mw’ikete twabandikiye.


abasambanyi n’abahuza ibitsina kandi babisangiye, abadandaza abagurano, ababeshi, abarahira nabi, canke abakora ibindi vyose bidahwanye n’inyigisho z’ukuri


Iri jambo ni iryo kwizigirwa, rikwiye kwakirwa n’abantu bose, rivuga ngo: Kristo Yesu yazanywe kw’isi no gukiza abanyavyaha, muri abo ndi agahebuza.


uzigamye neza ukwizera, ata jwi rikwagiriza mu mutima. Kuko bamwe baritaye n’ibigirankana, ukwizera kwabo kuba imburakimazi nk’ubwato busavye.


Iri jambo ni iry’ukuri, kandi ni iryo kwizigirwa.


Abigisha inyigisho zidahuye n’ivyo Umwami wacu Yesu Kristo yigishije ari vyo bizana ukugororoka,


Wame ufatira akarorero ku nyigisho z’ukuri wanyumvanye, uhagarare mu kwizera, no mu rukundo dufise muri Kristo Yesu.


Kandi ivyo wanyumvanye hari ivyabona vyinshi, uzovyigishe abantu b’ukwizerwa, na bo bazoshobora kuvyigisha abandi.


Abamugwanya abigisha mu bugwaneza, yizigiye ko Imana ishobora kubaha ukwihana gushobora kubashikana ku kumenya ukuri,


Ariko weho, wumire ku vyo wigishijwe ukavyakira. Urazi ko ari ivy’ukuri, kuko urazi uwabikwigishije.


Kuko igihe kigiye kuza aho abantu batazoba bacemera inyigisho z’ukuri. Bazokwumviriza ibiryohera amatwi yabo, birundanirize abigisha bazovuga ivyo bashaka kwumva gusa.


Bakwiye kuzibwa iminwa kuko bariko basambura inzu y’Imana mu kwigisha ivyo batari bakwiye kwigisha, kandi ivyo babikora ku bw’inyungu zabo mbi.


Ariko weho wigishe ibihwanye n’inyigisho z’ukuri.


Bene Data nkunda, naho nari nipfuje cane kubandikira ku bijanye n’agakiza dusangiye, numvise ngoberwa kwandika ndabahimiriza ngo mugwanire ukwizera abera b’Imana bahawe rimwe rizima.


uretse kwumira ku co mufise gushika ngarutse.’


Ehe ndaza vuba. Wumire ku co ufise kugira ngo ntihagire uwugutwara impera yawe.


Wibuke inyigisho wumvise ukazakira. Uzigendere wongere wihane. Niyo utakanguka nzoza nk’igisuma, kandi ntuzomenya igihe nzokugendera.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ