Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 9:38 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

38 Nimwinginge nyene ivyimburwa arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

38 Nuko ni mwinginge Nyen’ ivyimburwa arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 9:38
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aca abwira abigishwa biwe ati: “Ivyimburwa ni vyinshi, ariko abimbuzi ni bake.


Yesu yongera kubabwira ati: “Amahoro abane namwe! Nk’uko Data yantumye, ni ko nanje ndabatumye.”


Mbega ntimuvuga ngo: ‘Hasigaye amezi ane ngo iyimbura rishike’? Umve ndababwire, nimwunamure amaso yanyu murabe! Imirima ireze, igeze kwimbura.


Bariko barasenga Imana bisonzesheje, Mpwemu Yera ababarira ati: “Ntoraniriza Baranaba na Sawuli, bankorere igikorwa nabahamagariye.”


Abasanzaye bagenda barigisha ijambo ry’Imana aho baba bageze hose.


Ibi ni vyo bihimba vy’umubiri Imana yashize mw’ishengero: hari intumwa, abavugishwa n’Imana, abigisha, abakora ibitangaza, abafise ingabire zo gukiza ingwara, abafise ingabire zo gufasha abandi, abafise ingabire z’uburongozi, n’abavuga indimi zitandukanye.


Nuko rero Kristo ni we yatanze ingabire mw’ishengero, bamwe abaha kuba intumwa, abandi kuba abavugishwa, abandi kuba abavugabutumwa, abandi kuba abungere n’abigisha,


Mu kurangiza, bene Data, mudusengere kugira ngo Ubutumwa Bwiza bw’Umwami bwamamare ningoga kandi ijambo ryiwe ryubahwe nk’uko ryubashwe muri mwebwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ