31 Ariko bo, basohotse baca bakwiragiza inkuru ziwe muri iyo ntara yose.
31 Ariko basohotse bamukwiza mur’ ico gihugu cose.
Muri ico gihe, Herode Antipa yumva amakuru ya Yesu;
Abo barinzi bakira ayo mahera hanyuma bakora nk’uko babwiwe. Inkuru yabo ikwira hose mu Bayuda, kugeza n’uno musi.
Nuko inkuru ziwe zikwiragira hose, gushika no muri Siriya. Bamuzanira abarwayi bose: abafise ububabare butandukanye, ababoshwe n’abadayimoni, abarwaye intandara, hamwe n’abatikakaza kubera bababara mu mubiri; bose arabakiza.
Inkuru y’ico gitangaza ica ikwira hose muri iyo ntara.
Ubwo nyene inkuru ziwe zica ziramamara mu ntara yose ya Galilaya.
Yesu ategeka abari aho kutabibwira umuntu n’umwe. Ariko uko yababuza ni ko barushiriza kubikwiragiza.
Yesu aca asubira i Galilaya yuzuye ubushobozi bwa Mpwemu Yera, maze inkuru yiwe ikwira akarere kose kahegereye.
Nuko inkuru ziwe zikwira muri ako karere kose.
Yamara inkuru za Yesu zirushirizaho kumenyekana, abantu isinzi bakama baza aho ari kumwumviriza no kugira ngo abakize ingwara.
Nuko inkuru ya Yesu ikwira i Yudaya hose no mu micungararo yaho.