Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 9:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Nuko haza abantu bamuzaniye umuntu akongataye ku nderuzo. Yesu abonye ukwizera kwabo, abwira ico kimuga ati: “Humura, mwana wanje, ivyaha vyawe urabihariwe.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Bamuzanira ikimuga bagiteruye mu nderuzo. Yesu abonye ukwizera kwabo, abgira ico kimuga, ati Hūmura mwana wanje, ivyaha vyawe urabihariwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 9:2
32 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko Yesu arababwira ati: “Humura! Ni jewe; ntimugire ubwoba.”


Nuko inkuru ziwe zikwiragira hose, gushika no muri Siriya. Bamuzanira abarwayi bose: abafise ububabare butandukanye, ababoshwe n’abadayimoni, abarwaye intandara, hamwe n’abatikakaza kubera bababara mu mubiri; bose arabakiza.


Uduharire ivyaha vyacu, nk’uko natwe duharira abaducumuyeko.


Yesu avyumvise aratangara cane, abwira abariko baramukurikira ati: “Ndababwire ukuri, nta muntu n’umwe muri Isirayeli nari bwabonane ukwizera gukomeye nk’uku.


Ku mugoroba, bazanira Yesu abantu benshi baboshwe n’abadayimoni. Yirukana izo mpwemu mbi mu kuzitegeka, azikura mu bantu kandi akiza abarwaye bose.


Yesu arahindukira, amubonye aramubwira ati: “Humura, mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije.” Ubwo nyene uwo mugore aca arakira.


Mbega icoroshe ni uko novuga nti: Ivyaha vyawe urabihariwe, canke ni uko novuga nti: Haguruka ugende?


Ariko nshaka ko mutahura ko Umwana w’Umuntu afise ububasha kw’isi bwo guharira ivyaha.” Nuko abwira uwo muntu amugaye ati: “Haguruka, ikorere ikirago cawe, witahire.”


Ku mugoroba izuba rimaze kurenga, bazanira Yesu abarwaye benshi n’ababoshwe n’abadayimoni.


Yesu aca arahagarara, avuga ati: “Nimumumpamagarire.” Nuko bahamagara ya mpumyi bati: “Humura! Haguruka, araguhamagaye!”


Yesu aramubwira ati: “Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije, igire amahoro kandi ukire icago cawe.”


kuko bose bari bagize ubwoba bwinshi. Aca arababwira ati: “Humura! Ni jewe. Ntimugire ubwoba.”


Ibi ndabibabwiye kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Muri iyi si muzohagirira amarushwa menshi, ariko nimuhumure jewe naranesheje isi.”


Ntiyari akeneye ko bamubwira uko umuntu ameze, kuko yari azi ibiri mu mutima w’umuntu wese.


Arabahamagara ati: “Bagenzi, nta fi mufise?” Na bo bati: “Oya!”


Nuko yumviriza Pawulo ariko arigisha, Pawulo na we aramwihweza, abona afise ukwizera kwotuma akira.


gushika aho n’igitambara canke impuzu yakozeko abantu babikoza ku barwaye, bagakira ingwara n’ababoshwe n’impwemu mbi zikabavamwo.


Mw’ijoro, Umwami Yesu araza ahagarara i ruhande ya Pawulo, amubwira ati: “Humura! Nk’uko wanshingiye intahe i Yerusalemu, ni ko uzonshingira intahe n’i Roma.”


Kandi si ivyo vyonyene, ubu dufise umunezero kubera imigenderanire myiza dufitaniye n’Imana kuko Umwami wacu Yesu Kristo yatwujuje na yo.


Ariko hariho uwoshobora kuvuga ati: “Bamwe bafise ukwizera, abandi na bo bafise ibikorwa.” Ariko, jewe nanje nomubaza nti: “Ni gute ushobora kunyereka ukwizera kwawe kandi ata bikorwa? Jewe nokwereka ukwizera kwanje mu kukwereka ibikorwa vyiza.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ