19 Yesu aca arahaguruka ajana na we n’abigishwa biwe.
19 Yesu ava hasi, aramukurikira, bo n’abigishwa biwe.
Yesu aramwishura ati: “Ndaje kumukiza.”
Akiriko aravuga ivyo, haza umukuru w’isinagogi apfukama imbere yiwe amubwira ati: “Umwana wanje w’umukobwa ahejeje gupfa, ariko woza ukamurambikako ibiganza, yosubira akaba muzima.”
Umugore yari amaranye imyaka cumi n’ibiri ingwara yo mu gitereko yo kuva amaraso, yegera Yesu amuturutse inyuma, akora ku musozo w’impuzu yiwe.
Yesu arababwira ati: “Ivyokurya vyanje ni ugukora ivyo uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.
ingene Imana yarobanuje Yesu w’i Nazareti Mpwemu Yera n’ubushobozi, n’ukuntu yagendagenda hose agira neza, akiza n’abari mu gacinyizo ka wa mubi, kuko Imana yari kumwe na we.