Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 9:18 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Akiriko aravuga ivyo, haza umukuru w’isinagogi apfukama imbere yiwe amubwira ati: “Umwana wanje w’umukobwa ahejeje gupfa, ariko woza ukamurambikako ibiganza, yosubira akaba muzima.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Akibabgira ivyo, haza umukuru w’isinagogi aramupfukamira, at’ Umwana wanje w’umukobga aradēndūtse, n’uze se, umurambikekw ikiganza, asubire abe muzima.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 9:18
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abari mu bwato bose bamuha icubahiro, bavuga bati: “Ni ukuri uri Umwana w’Imana.”


Wa mugore aca araza apfukama imbere yiwe, aramubwira ati: “Mwami, ntabara!”


Bashitse musi y’umusozi, basanga abantu isinzi babarindiriye. Umugabo umwe aramwegera, apfukama imbere yiwe.


Hanyuma nyina wa Yakobo na Yohana bene Zebedayo, aza aho Yesu ari azananye n’abo bahungu biwe babiri, apfukama imbere yiwe amwubashe cane, amusaba.


Bamubonye, baramusenga, ariko bamwe muri bo barakekeranya.


Maze haza umuntu arwaye imibembe, apfukama imbere yiwe, amubwira ati: “Mwami, ubishatse, woshobora kunkiza ngahumanuka.”


Abigishwa biwe baramukangura bataka bati: “Mwami dukize, turapfuye!”


Ni nk’uko ata wosuka umuvinyu mushasha mu mukuza w’urushato ushaje, kuko uwo muvinyu wotuma uwo mukuza umeneka; hanyuma akabura umuvinyu n’umukuza. Ahubwo umuvinyu mushasha bawushira mu mukuza mushasha, ni ho vyompi bizigamwa.”


Yesu aca arahaguruka ajana na we n’abigishwa biwe.


Arababwira, ati: “Nimusohoke. Uwu mwana ntiyapfuye, arasinziriye.” Ariko, abo bantu baramushinyagurira.


Ariko umukuru w’isinagogi ababazwa n’uko Yesu akijije umuntu ku musi w’Isabato. Aca abarira abari aho ati: “Imisi y’ibikorwa ni itandatu. Muzohore muza gukizwa ingwara muri iyo misi, ariko atari ku musi w’Isabato.”


Umutware umwe aramubaza ati: “Mwigisha mwiza, nokora iki kugira ngo ndagwe ubugingo budashira?”


Aho hari umusoda mukuru w’Umuroma yari afise umukozi yakunda cane. Uwo mukozi yari arwaye, ari hafi yo gupfa.


Yesu aramubwira ati: “Ni jewe kuzuka n’ubugingo. Uwunyizera wese, naho yopfa, azobaho.


Nuko Mariya ashika aho Yesu ari aramubona, aca apfukama imbere yiwe, amubwira ati: “Mwami, iyo uja kuba hano, musazanje ntaba yarapfuye.”


Ibitabu vy’ivyagezwe n’ivy’abavugishwa n’Imana bihejeje gusomwa, abakuru b’isinagogi baca batuma umuntu ababaza ati: “Bene Data, nimwaba mufise ijambo ryo gutera intege ishengero, nimuhaguruke mwigishe.”


Se wa Pubiliyo yari arwaye inyonko n’amacinya, arembeye ku buriri. Nuko Pawulo yinjira aho ari aramusengera amurambitseko ibiganza, aca arakira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ