Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 9:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Nimugende mwige iri jambo ico rivuga: ‘Nshaka ko mugira imbabazi kuruta kumpa ibimazi.’ Kuko sinaje kurondera abiyumvira ko bagororotse, ahubwo naje kurondera abemera ko ari abanyavyaha.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Mugende mwige iri jambo, muritahure, ngw Imbabazi ni zo ngomba, s’ibimazi: kuko ntaje guhamagara abagororotsi, atar’ abanyavyaha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 9:13
39 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu arabishura ati: “Mbega ntimurasoma ivyo Dawidi yakoze igihe we n’abo bari kumwe bari bashonje?


Canke mbega ntimurasoma mu vyagezwe ingene abaherezi batubahiriza umusi w’Isabato, iyo bariko barakora ibikorwa vyabo vyo mu rusengero kandi ntibagirizwe icaha?


Iyo muba mutahura ijambo rivuga ngo: ‘Nshaka ko mugira imbabazi kuruta kumpa ibimazi,’ ntimwari gucira urubanza abatagira icaha.


Yesu arabishura ati: “Ntimurasoma ko mu ntango Umuremyi yabaremye ari umugabo n’umugore,


Yesu aca ababwira ati: “Nta ho murasoma mu Vyanditswe havuga ngo: ‘Ibuye abubatsi bagaye ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka; ibi Uhoraho ni we yabikoze, kandi ni igitangaza mu maso yacu?’


avuga ati: “Nimwihane kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi.”


Kuva ico gihe Yesu aca atangura kuvuga Ubutumwa Bwiza no kwigisha, ati: “Nimwihane kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi.”


Ku bijanye n’izuka ry’abapfuye, mbega Nta ho murasoma mu gitabu ca Mose, aho yandika ivy’igisaka caka kitarurumba? Handitswe ko Imana yamubwiye iti: ‘Ndi Imana ya Aburahamu, ya Isaka, n’iya Yakobo.’


kandi ko dukwiye kuyikundisha imitima yacu yose, ubwenge bwacu bwose; n’inkomezi zacu zose, kandi tugakunda bagenzi bacu nk’uko twikunda. Ivyo birahambaye kurusha gushikanira Imana ayandi mashikanwa yose n’ibimazi vy’ibikoko.”


Yesu avyumvise, arabishura ati: “Abakomeye si bo bakeneye umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukeneye. Sinaje guhamagara abiyumvira ko ari abagororotsi, ahubwo naje guhamagara abemera ko ari abanyavyaha.”


Yesu aramwishura ati: “Ivyagezwe vya Mose bivuga iki? Ubitahura gute?”


Umwana w’Umuntu yazanywe no kurondera hamwe no gukiza abazimiye.”


kandi ubutumwa bw’ukwihana n’uguharirwa ivyaha buzovugwa mw’izina ryiwe mu mahanga yose, uhereye i Yerusalemu.’


Yesu arabishura ati: “Abakomeye si bo bakeneye umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukeneye.


Sinaje kurondera abibaza ko ari abagororotsi, ahubwo naje kurondera abazi neza ko ari abanyavyaha, kugira ngo bihane.”


Yesu arabishura ati: “Mbega mu vyagezwe vyanyu, ntihanditswe ko Imana yavuze iti: ‘Navuze ko muri imana’?


Bavyumvise ntibagira ico basubizayo, ahubwo bashima Imana, bavuga bati: “Erega noneho Imana ihaye Abanyamahanga na bo akaryo ko kwihana ivyaha vyabo ngo baronke ubugingo budashira.”


Petero arabishura ati: “Umuntu wese muri mwebwe niyihane, abatizwe mw’izina rya Yesu Kristo, kugira ngo ivyaha vyanyu bibone guharirwa, ni ho muzoronka ingabire ya Mpwemu Yera.


Nigishije Abayuda n’Abagiriki ko bakwiye kwihana bagahindukirira Imana mu kwizera Umwami Yesu.


Nuko rero nimwihane, muhindukire, kugira ngo ivyaha vyanyu bihanagurwe, ngo ibihe vy’impemburo bibone kuza, bivuye imbere y’Umwami Imana,


Imana yaramushize hejuru imwicarika i buryo bwayo nk’Umutware n’Umukiza, kugira ngo ahe Abisirayeli ukwihana n’uguharirwa ivyaha vyabo.


Imana ntitebeje gushitsa isezerano ryayo, nk’uko bamwe biyumvira ko iritebeje. Yihanganira mwebwe, kuko idashaka ko hari n’umwe aranduka, ariko ishaka ko bose bashika ku kwihana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ