Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 8:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Ariko, uwo musoda aramwishura ati: “Mwami, ntibimbereye ko wokwinjira mu nzu yanje. Pfa kuvuga ijambo rimwe gusa umukozi wanje arakira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Umugabisha aramwishura, ati Mugenzi, ntibimbereye ko winjira mu nzu yanje; vuga ijambo gusa, uwo muhungu arakira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 8:8
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Jewe ndababatiza mu mazi kuko mwihanye ivyaha, ariko uwuje inyuma yanje arandusha ubushobozi, mbere ntibimbereye no kumutwaza ibirato. We azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.


Ariko Yohana agerageza kumwankira, avuga ati: “Ni jewe nkwiye kubatizwa nawe, none uje ngo abe ari jewe nkubatiza!”


Yesu aca aramvura ukuboko amukorako. Aramubwira ati: “Ndabishatse, kira uhumanuke!” Ubwo nyene aca arakira ya mibembe.


Yesu aramwishura ati: “Ndaje kumukiza.”


Kuko nanje, ndafise abantegeka, kandi mfise n’abasoda ntegeka. Iyo mbwiye umwe nti: ‘Genda,’ aca agenda; nabwira uwundi nti: ‘Ngwino,’ agaca aza; kandi iyo mbwiye umukozi wanje nti: ‘Kora iki,’ aca agikora.”


Sinkibereye kwitwa umwana wawe; ntabara umfate nk’umwe mu bakozi bawe.’


Wa muhungu abarira se ati: ‘Data, naracumuye ku Mana yo mw’ijuru, ncumura no kuri wewe. Sinkibereye kwitwa umwana wawe.’


Simoni Petero abibonye, apfukama imbere ya Yesu, amubwira ati: “Mwami, igira kure yanje kuko ndi umunyavyaha!”


Uwo ni we aza inyuma yanje, ariko ntibimbereye no gupfundurura utugozi tw’ibirato vyiwe.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ