Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 7:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ntimugahe ivyera vy’Imana imbwa, kandi ivy’agaciro kanini vyanyu, ntimukabiterere ingurube, kuko zohava zibihonyanga, hanyuma zikabahindukirira zikabatabagura.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Ivyera vy’Imana ntimukabihe imbga, kand’ imaragarita zanyu ntimuziterere ingurube, kugira ngo ntizizihonyange n’inzāra zazo, maze zikabahindukirira, zikabatabagura.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 7:6
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu aramwishura ati: “Si vyiza gufata umukate w’abana ukawuterera imbwa.”


Ico gihe benshi bazota ukwizera bahemukiranire kandi bankane.


Wa ndyarya we, tangura ukure inkingi y’igiti iri mu jisho ryawe, hanyuma ubone gutosora akatsi kari mu jisho rya mugenzawe.


nagenze ingendo nyinshi kandi ndende. Nahatswe gutwarwa n’inzuzi, nahatswe kwibwa, nahatswe kwicwa n’ubwoko bwanje, nahatswe kwicwa n’Abanyamahanga, nahatswe kwicirwa mu bisagara, nahatswe kwicirwa mu misozi, nahatswe kugwa mu kiyaga, nahatswe kwicwa n’abigira bene Data.


Mwirinde za mbwa, mwirinde za nkozi z’ibibi, bamwe bababwira ko mutegerezwa kwikeba kugira ngo mukizwe.


Namwe mwibaze ingene igihano kizohabwa abagaye Umwana w’Imana, bagatitura amaraso y’isezerano yabogeje ivyaha, kandi bagatuka Mpwemu w’ubuntu, kizoba gikomeye.


hanyuma bakava ku Mana. Ntibikunda kugarukana abantu nk’abo ku kwihana, kuko baba bahisemwo kubamba ubugira kabiri Umwana w’Imana, bagaha abandi akaryo ko kumutuka.


Kuri bo wa mugani warashitse ngo: “Imbwa isubiye ku vyo idashwe,” kandi ngo: “Ingurube yari yogejwe isubiye kwivayanga mu vyondo.”


Inyuma y’igisagara hazoba hari imbwa, abapfumu, abasambanyi, abicanyi, abasenga ibigirwamana hamwe n’abakunda kubesha bakanabikora.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ