Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 7:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Wa ndyarya we, tangura ukure inkingi y’igiti iri mu jisho ryawe, hanyuma ubone gutosora akatsi kari mu jisho rya mugenzawe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Wa ndyarya we, banza witosore inkingi iri mu jisho ryawe, uheze ubone neza gutosora akabango kari mu jisho rya mugenzawe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 7:5
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko kuko Yesu yari azi intumbero mbi bafise, ababwira ati: “Mwa ndyarya mwe, ni iki gituma muntega imitego?


Ni kuki ushinga ijisho akatsi kari mu jisho rya mugenzawe ariko ntiwiteho inkingi y’igiti iri mu jisho ryawe?


Ni kuki ubwira mugenzawe uti: ‘Reka ndagutosore akatsi kari mu jisho,’ kandi wewe ugendana inkingi y’igiti mu ryawe?


Ntimugahe ivyera vy’Imana imbwa, kandi ivy’agaciro kanini vyanyu, ntimukabiterere ingurube, kuko zohava zibihonyanga, hanyuma zikabahindukirira zikabatabagura.


Mwa ndyarya mwe, ko mushobora gutahura ibimenyetso vy’ibihe murabiye ku biba kw’isi no kw’ijuru, ni igiki kibabuza gutahura ivy’iki gihe?


Umwami Yesu aca arishura ati: “Mwa ndyarya mwe! Ni nde muri mwebwe atozitura inka canke indogoba yiwe mu ruhongore ku musi w’Isabato ngo ayijane kunywa amazi?


Yesu arababwira ati: “Ndazi ko mutazobura kuncira uwu mugani muti: ‘Muvuzi, niwivure!’ Kandi muzombwira muti: ‘Korera muri iki gisagara uvukamwo ibitangaza nk’ivyo twumvise wakoreye i Kaperinawumu!’ ”


Ni kuki ubwira mugenzawe uti: ‘Mugenzi, tega ndagutosore akatsi kari mu jisho,’ kandi nawe ugendana inkingi y’igiti mu jisho ryawe? Wa ndyarya we, tangura ukure inkingi y’igiti iri mu jisho ryawe, ni ho uzobona neza akatsi kari mu jisho rya mugenzawe, uheze ugakureyo.


Umusi umwe impwemu mbi irabishura iti: “Yesu ndamuzi, na Pawulo ndamuzi. None mwebwe muri ba nde?”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ