28 Yesu amaze kuvuga ivyo, abantu batangazwa n’inyigisho ziwe;
28 Yesu arangije ayo majambo yose, ishengero ritangazwa n’inyigisho ziwe,
Yesu ahejeje gusigurira neza abigishwa biwe cumi na babiri igikorwa abatumye, ava ngaho aja kwigisha no kuvuga Ubutumwa Bwiza mu bisagara vy’i Galilaya.
Yesu ahejeje kuvuga ivyo, aca ava i Galilaya, amanuka mu ntara ya Yudaya, hakurya y’uruzi Yorodani.
Abantu bumvise ivyo baca batangazwa n’inyigisho ziwe.
Yesu ahejeje kuvuga ivyo vyose, abwira abigishwa biwe ati:
imvura yaraguye, inzuzi ziruzura, igihuhusi kirahuhuta, vyisuka kuri nya nzu, hanyuma irasenyuka kandi isenyuka ryayo riba irikomeye.”
kuko yigishanya ububasha, mu buryo butandukanye n’ubw’abigisha b’ivyagezwe babo.
Abamwumviriza batangazwa n’inyigisho ziwe, kuko yigishanya ububasha, mu buryo butandukanye n’ubw’abigisha b’ivyagezwe.
Abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyanditswe bavyumvise baca batangura kurondera ingene bomwica. Ariko baramutinya kuko abantu bakunda cane inyigisho ziwe.
Umusi w’Isabato ushitse, atangura kwigisha mw’isinagogi; benshi bamwumvirije baratangara cane. Barabazanya bati: “Mbega ivyo yigisha yabikuye he? Ubu bwenge n’ubu bushobozi bwo gukora ibitangaza yabikuye he?
Ariko ntibaronka aho bamuca kuko abantu bose bakunda cane kwumviriza inyigisho ziwe.
Abamwumva bose baratangazwa n’ubwenge bwiwe hamwe n’inyishu ziwe.
Bose baramushima, batangazwa n’amajambo arimwo ubuntu bw’Imana yava mu kanwa kiwe, babazanya bati: “Mbega uwu si wa muhungu wa Yosefu?”
maze abantu batangazwa n’inyigisho ziwe, kuko zarimwo ububasha.
Yesu ahejeje kwigisha abantu muri ayo majambo yose, aca aja i Kaperinawumu.
Abayuda bamwumvise baratangara, barabaza bati: “Uwo mugabo azi vyinshi cane kandi atize. Ivyo bishoboka gute?”
Ba barinzi barabishura bati: “Nta muntu yigeze kuvuga nk’uko uwu mugabo avuga!”