Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 7:24 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Nuko rero, umuntu wese yumva amajambo yanje akayashira mu ngiro, ameze nk’umwubatsi w’ubwenge yubatse inzu yiwe ku rutare;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Uwumva ayo majambo yanje wese, akayakora, asa n’umuntu w’ubgenge yubatse inzu yiwe ku rutare.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 7:24
41 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko uwukora ivyo Data wo mw’ijuru ashaka wese ni we mwene mama, kandi ni we mama.”


Nanje ndakubwiye ko uri Petero (bisigura ‘urutare’), kandi kuri urwo rutare, nzohubaka ishengero ryanje, kandi ko n’amarembo y’i kuzimu atazorinesha.


Mbega umukozi w’umwizigirwa kandi w’umunyabwenge ni nde? Ni uwo shebuja ashobora guha ubukuru bwo kuganza abandi bakozi no kubagaburira ku mwanya.


Batanu muri bo bari ab’ubwenge buke abandi batanu bari abanyabwenge.


Bamwe batanu b’abanyabwenge bobo batwaye amatara yabo, hamwe n’ayandi mavuta mu macupa.


Na bo barabishura bati: ‘Ntibishoboka kuko twohava tudakwirwa twese, ahubwo nimugende ku bayagurisha mwigurire.’


imvura yaraguye, inzuzi ziruzura, igihuhusi kirahuhuta, vyisuka kuri nya nzu, yamara ntiyasenyuka kuko urufatiro rwayo rwari rumase ku rutare.


Ariko, umuntu wese yumva aya majambo yanje, hanyuma ntayashire mu ngiro, ameze nk’umwubatsi w’ikijuju, yubatse inzu yiwe ku musenyi;


Yesu aramwishura ati: “Ahubwo hahiriwe abumva ijambo ry’Imana bakarishira mu ngiro.”


Ivyo murabimenye, ariko muzohezagirwa ni mwabishira mu ngiro.


Nimwaba munkunda, nimushire mu ngiro amabwirizwa yanje.


Nimwakurikiza amabwirizwa yanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nakurikije amabwirizwa ya Data nkaguma mu rukundo rwiwe.


Muzoba muri abakunzi banje nimwakora ivyo mbategeka.


Kuko kwumva gusa ivyagezwe ntikutugira abagororotsi mu maso y’Imana, ahubwo kuvyumvira ni kwo kutugira abagororotsi mu maso yayo.


Ikitwereka ko tuzi Kristo, ni uko dukurikiza amabwirizwa yiwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ