Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 6:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Mukwiye gusenga muvuga muti: Data wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryubahwe,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Nuko musenge murtya, muti Data wa twese wo mw ijuru, izina ryawe ryubahwe,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 6:9
43 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mbega utunyoni tubiri ntitugurwa hafi ubusa bw’amahera? Ariko nta na kamwe muri two gakorokera hasi So wo mw’ijuru atavyemeye.


Ntihakagire umuntu n’umwe kw’isi mwita ‘data’ kuko mufise Data umwe, ari we So wo mw’ijuru.


Ndababwire, sinzosubira kunywa kuri uwu muvinyu w’imizabibu guhera ubu gushitsa kuri wa musi aho nzosubira gusangirira namwe mu Bwami bwa Data.”


Asubirayo ubugira kabiri arasenga ati: “Data, nimba bidakunda ko iki gikombe c’imibabaro kimva imbere ntakinyoyeko, ivyo ushaka nibibe.”


Uko ni ko mukwiye kureka umuco wanyu ukakira imbere y’abantu kugira ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza, hanyuma bahimbaze So wo mw’ijuru.


Nuko rero, nimube intungane, nk’uko So wo mw’ijuru na we ari intungane!


Kuko nimwaharira abantu ibibi babakoreye, na So wo mw’ijuru azobaharira namwe.


Ariko, wewe ugomvye gusenga, winjire mu cumba cawe, wugare umuryango, hanyuma usenge. So wo mw’ijuru, we abona ivyo mw’ibanga, azobiguhembera.


Nimba mwebwe mushobora guha ingabire nziza abana banyu kandi muri babi mu mitima, mbega So wo mw’ijuru ntazorushiriza guha ivyiza ababimusavye!


Ngira mpaguruke nsubire kwa data ndamubwire nti: Data naracumuye ku Mana yo mw’ijuru, ncumura no kuri wewe.


Wa muhungu abarira se ati: ‘Data, naracumuye ku Mana yo mw’ijuru, ncumura no kuri wewe. Sinkibereye kwitwa umwana wawe.’


“Icubahiro kibe ic’Imana mw’ijuru riri hejuru y’ayandi, kw’isi na ho amahoro abe mu bantu bayihimbara.”


Yesu aramubwira ati: “Ntumfatire, kuko ntaraja kwa Data. Ahubwo genda ubwire bene Data ko mvuze nti: ‘Ngiye kuduga kwa Data ari we So, Imana yanje ari yo Mana yanyu.’ ”


Nuko rero ndabandikiye mwebwe ab’i Roma, mukundwa n’Imana kandi mwahamagariwe kuba abantu bayo bejejwe: Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami wacu Yesu Kristo bibe kuri mwebwe mwese.


kuko Mpwemu mwahawe atari uwo kubagira abagurano ngo mwongere gutinya; ahubwo mwakiriye Mpwemu abagira abana b’Imana. Uwo ni we atuma dusemerera, tukabwira Imana tuti: “Aba, Data.”


Jewe Pawulo intumwa, ntatumwe n’abantu kandi bidaciye ku muntu n’umwe, ariko natumwe na Yesu Kristo n’Imana Data yamuzuye mu bapfuye,


Kuko turi abana bayo, Imana yarungitse Mpwemu w’Umwana wayo mu mitima yacu. Ni we Mpwemu atuma dusemerera tuvuga tuti: “Aba, Data.”


Niyo yonyene ifise ukudapfa, kandi iba mu muco ata muntu yoshobora kwegera, iyo ata muntu arabona kandi ata wushobora kuyibona. Icubahiro n’ububasha bibe ivyayo ibihe bidashira. Amen.


Mwibuke ko Data wo mw’ijuru, uwo musenga, adaca urwa nkunzi, hanyuma bitume mubaho muyitinya kandi muyubaha mu gihe musigaje kuba kuri ino si mubako nk’ingenzi.


“Urabereye, Mwami Imana yacu, kwakira icubahiro n’ububasha kuko ari wewe waremye vyose, ugushaka kwawe ni ko kwatumye bibaho, biraremwa.”


baririmba n’ijwi rirenga bati: “Umwagazi w’intama we yishwe, arabereye, kwakira ububasha, ubutunzi, ubwenge, inkomezi, icubahiro, ubwiza, n’amashimwe.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ