Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 6:34 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Nuko rero ntimugahagarike imitima ku vy’ejo, kuko ejo hazoza hafise ingorane bijanye. Umusi wose ufise umwitwarariko wawo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Ntimukiganyire ivy’ ejo, kuk’ umusi w’ejo uzoba wiganyira ivyawo; umusi ukwiranye n’amagorwa yawo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 6:34
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni co gituma ndababwiye nti: ntimukiganyire kubera ivyo mukeneye kugira ngo mubeho; vyaba ivyokurya, ivyo kunywa, canke ivyo kwambara. Mbega ubuzima ntiburuta cane ivyokurya canke umubiri nturuta cane ivyambarwa?


Ni nde muri mwebwe yoshobora kwiyongera akanya na gatoya ko kubaho kubera kwiganyira?


Ariko Umwami Yesu aramwishura ati: “Marita, Marita, reka guhagarika umutima, wigora muri vyinshi.


Uduhe ivyokurya bidukwiye ku musi ku musi.


Nibabashengeza mu masinagogi, imbere y’abatware n’abategetsi, ntimuze muhagarikwe imitima n’ivyo muzokwireguza canke muzovuga.


Yesu aca abwira abigishwa biwe ati: “Ni co gituma ndababwira nti: ntimukiganyire kubera ivyokurya mukeneye kugira ngo mubeho; canke ivyo kwambara imibiri ikeneye.


Amahoro yanje ndayabasigaranye, kandi amahoro yanje ndayabahaye. Jewe singaba nk’uko isi igaba. None rero ntimuhagarike imitima canke ngo mugire ubwoba.


Ibi ndabibabwiye kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Muri iyi si muzohagirira amarushwa menshi, ariko nimuhumure jewe naranesheje isi.”


binginga abigishwa ngo bagume bahagaze mu kwizera. Bababwira bati: “Dutegerezwa guca mu bitubabaza vyinshi kugira twinjire mu Bwami bw’Imana.”


Ntimukiganyire ku kintu na kimwe, ariko ivyo mukeneye vyose mubimenyeshe Imana mu gusenga no mu kwinginga, bifatanije no gukenguruka.


Muyikorere ingorane zanyu zose kuko irabitayeho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ