Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 6:30 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

30 Nimba Imana yambika gutyo ivyatsi vyo ku misozi, biriho uno musi ariko ejo bikazotererwa mu ziko, mbega ntizorushirizaho kubambika, yemwe ab’ukwizera guke!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 Non’ Imana ko yambika ivyatsi vyo ku misozi irtyo, birih’ uyu musi, ariko nk’ejo bigatererwa mu ziko, mbega ntizorushiriza kubambika, mwebge ab’ ukwizera guke mwe?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 6:30
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ubwo nyene, Yesu atuma ukuboko aramufata, amubwira ati: “Wa muntu w’ukwizera guke, ni kuki wakekeranije?”


Yesu amenye ivyo bariko baravugana, arababaza ati: “Mwa bantu b’ukwizera guke, ni kuki muriko muvuga ko mudafise imikate?


Yesu yishura avuga ati: “Yemwe bantu b’iki gihe mutizera kandi mwononekaye mu mitima, nzobana namwe gushika ryari? Nzobihanganira kugeza ryari? Nzanira uwo mwana hano.”


Yesu arabishura ati: “Yemwe mwa bantu b’ukwizera guke, ni kuki mufise ubwoba?” Aca aravyuka, akankamira uwo muyaga n’imipfunda, haca haba agahwekere.


Aca abwira abigishwa biwe ati: “Ni kuki mufise ubwoba? Mbega n’ubu nta kwizera mugira?”


Yesu yishura avuga ati: “Mwa bantu b’iki gihe, nta kwizera mufise! Mbega nkwiye kugumana namwe igihe kingana gute? Mbega nzobihanganira gushika ryari? Nimunzanire uwo mwana.”


Nimba Imana yambika gutyo ivyatsi vyo ku misozi, biriho uno musi ariko ejo bikazotererwa mu ziko, mbega ntizorushirizaho kubambika, yemwe ab’ukwizera guke!


Yesu aravuga ati: “Yemwe bantu b’iki gihe mutizera kandi mwononekaye mu mitima, nzobana namwe gushika ryari ndabihanganira? Zana uwo muhungu wawe hano.”


Maze abwira Toma ati: “Koza urutoke rwawe hano, urabe ibiganza vyanje. Gorora ukuboko kwawe ukore mu rubavu rwanje. Reka gukekeranya niwizere.”


Nuko rero bene Data, mwirinde kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe agira umutima mubi utizera ngo bitume ava ku Mana nzima.


Nk’uko Ivyanditswe bivuga ngo: “Abantu bose bameze nk’ivyatsi; kandi ubwiza bwabo bwose bumeze nk’amashurwe yo ku misozi; ivyatsi biruma, amashurwe agahungurukira hasi,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ