Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 6:27 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

27 Ni nde muri mwebwe yoshobora kwiyongera akanya na gatoya ko kubaho kubera kwiganyira?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Ni nde muri mwebge yoshobozwa n’amaganya kwisumvya uko yareha nk’ukuboko kumwe?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 6:27
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi ntukarahire umutwe wawe kuko udashobora gutuma n’agashatsi na kamwe kawo kera canke kirabura.


Ni co gituma ndababwiye nti: ntimukiganyire kubera ivyo mukeneye kugira ngo mubeho; vyaba ivyokurya, ivyo kunywa, canke ivyo kwambara. Mbega ubuzima ntiburuta cane ivyokurya canke umubiri nturuta cane ivyambarwa?


Ni kuki mwiganyira kubera ivyo mwambara? Nimwitegereze ingene amashurwe yo ku misozi akura. Ntakora kandi ntajisha impuzu.


Ni co gituma mudakwiye kwiganyira; muvuga muti: ‘Mbega tuzorya iki?’ canke ‘Mbega tuzonywa iki?’ canke ‘Mbega tuzokwambara iki?’


Nuko rero ntimugahagarike imitima ku vy’ejo, kuko ejo hazoza hafise ingorane bijanye. Umusi wose ufise umwitwarariko wawo.


Ariko Umwami Yesu aramwishura ati: “Marita, Marita, reka guhagarika umutima, wigora muri vyinshi.


Nibabashengeza mu masinagogi, imbere y’abatware n’abategetsi, ntimuze muhagarikwe imitima n’ivyo muzokwireguza canke muzovuga.


Yesu aca abwira abigishwa biwe ati: “Ni co gituma ndababwira nti: ntimukiganyire kubera ivyokurya mukeneye kugira ngo mubeho; canke ivyo kwambara imibiri ikeneye.


Ariko noneho Imana yashize ibihimba bitandukanye ku mubiri, kimwekimwe cose aho biyihimbaye kugishira.


Ntimukiganyire ku kintu na kimwe, ariko ivyo mukeneye vyose mubimenyeshe Imana mu gusenga no mu kwinginga, bifatanije no gukenguruka.


Muyikorere ingorane zanyu zose kuko irabitayeho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ