Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 6:25 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Ni co gituma ndababwiye nti: ntimukiganyire kubera ivyo mukeneye kugira ngo mubeho; vyaba ivyokurya, ivyo kunywa, canke ivyo kwambara. Mbega ubuzima ntiburuta cane ivyokurya canke umubiri nturuta cane ivyambarwa?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Ni co gitumye ndababarira, nti Ntimukaganyire amagara yanyu ku vyo muzorya canke ku vyo muzonywa, cank’ umubiri wanyu ku vyo muzokwambara. Mbeg’ amagara ntaruta ivyo kurya, cank’ umubiri nturuta ivyambarwa?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 6:25
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nibabafata, ntimuze muhagarikwe imitima n’ivyo muzovuga n’uburyo muzobivuga. Ako kanya nyene, muzohabwa ivyo mukwiye kuvuga,


Imbuto zaguye mu mahwa, ni ikigereranyo c’umuntu yumva ijambo ry’Imana, ariko imyitwarariko y’ivy’iyi si hamwe n’uruhendo rw’ubutunzi bikaza bikanyoha iryo jambo yumvise bigatuma ata co ryama.


Ni co gituma mudakwiye kwiganyira; muvuga muti: ‘Mbega tuzorya iki?’ canke ‘Mbega tuzonywa iki?’ canke ‘Mbega tuzokwambara iki?’


Nuko rero ntimugahagarike imitima ku vy’ejo, kuko ejo hazoza hafise ingorane bijanye. Umusi wose ufise umwitwarariko wawo.


Nibabafata bakabashengeza, ntimuze muhagarikwe imitima n’ivyo muzovuga. Muze muvuge ico muzohabwa ako kanya, kuko mutazovuga ivyo mwigeneye, ariko muzovuga ivyo muhawe na Mpwemu Yera.


ariko imyitwarariko y’ivy’iyi si, n’uruhendo rw’ubutunzi n’ibindi vyipfuzo vy’uburyo bwinshi, biraza bikanyoha iryo jambo bigatuma ata co ryama.


Nibabashengeza mu masinagogi, imbere y’abatware n’abategetsi, ntimuze muhagarikwe imitima n’ivyo muzokwireguza canke muzovuga.


Hari n’abameze nk’isi yamezeko amahwa. Abo na bo bagiheza kwumva ijambo ry’Imana, imyitwarariko y’ivy’ubu buzima, ubutunzi n’ibihimbaro vy’iyi si biraza bikanyoha icatewe muri bo, hanyuma bikababuza gukura mu vy’impwemu.


Ko itimanye Umwana wayo bwite, ariko ikamutanga ku bwacu twese, mbega ntizorushiriza kutugabira vyose hamwe na we?


Nipfuza ko mubaho mwidegemvya, ata mwitwarariko w’ivy’ubu buzima. Umugabo atarongoye yitwararika ibikorwa vy’Umwami, akama arondera kumunezereza.


Ntimukiganyire ku kintu na kimwe, ariko ivyo mukeneye vyose mubimenyeshe Imana mu gusenga no mu kwinginga, bifatanije no gukenguruka.


Ntawahawe kuba umusoda abandanya yivanga mu vy’ubuzima busanzwe ashobora guhimbara umukuru wiwe.


Muyikorere ingorane zanyu zose kuko irabitayeho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ