Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 6:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Ariko, mwirundanirize ubutunzi mw’ijuru, aho imiswa, inyenzi n’ingese bidashika ngo bibwonone canke abasuma badashika ngo bamene babwibe;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Ariko mwirundanirize ubutunzi mw ijuru, ah’ inyenzi n’ingese bitabumara, hatariyo n’ibisuma vyimba ngo vyibe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 6:20
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu aramwishura ati: “Nimba ugomba kuba uwutunganye rwose, genda, ugurishe ivyo utunze vyose, maze amahera ukuyemwo uyahe aboro; ni ho uzoronka ubutunzi mw’ijuru. Hanyuma uce uza unkurikire.”


Ntimukirundanirize ubutunzi mw’isi, aho imiswa, inyenzi n’ingese bishobora kubwonona, kandi n’ibisuma bigashobora kumena bikabwiba.


Yesu aramuraba yumva aramukunze. Aramubwira ati: “Hari ikintu kimwe ugihajije. Genda ugurishe ivyo utunze vyose, maze amahera ukuyemwo uyahe abakene; ni ho uzoronka ubutunzi mw’ijuru, hanyuma uze unkurikire.”


Nimugurishe ivyo mutunze, mubihe aboro. Mwironderere imifuko ibika amahera itazoshira, n’ubutunzi budahera bwo mw’ijuru, aho abasuma badashika, n’imiswa itazobwonona.


Yesu yumvise iyo nyishu aca amubwira ati: “Hari ikintu kimwe ugihajije. Genda ugurishe ivyo utunze vyose, maze amahera ukuyemwo uyahe aboro; ni ho uzoronka ubutunzi mw’ijuru. Hanyuma uce uza unkurikire.”


Wigishe abafise ubutunzi bw’iyi si kutishira hejuru no kudashira ivyizigiro vyabo muri bwo, kuko butaramba. Ariko bizigire Imana yo iduha vyose nk’umusesekara kugira ngo tubinezerererwe.


Nibakora uko, bazoba bariko bariziganiriza ubutunzi nk’urufatiro rwiza rwa kazoza rwo kugira ubuzima nyakuri.


Mwagirira impuhwe abapfunzwe, kandi iyo babanyaze ivyanyu mwavyemerana umunezero, kuko mwari muzi ko mufise ubutunzi burengeye ubwo kandi buzokwamaho.


Yiyumvira ko ari ivy’igiciro kubabazwa ku bwa Kristo kurusha kugira ubutunzi bwo muri Egiputa, kuko yari ahanze amaso impera yiwe muri kazoza.


Umviriza bene Data nkunda. Mbega Imana ntiyatoranije abitwa abakene muvy’iyi si ngo babe abatunzi mu vyo kwizera no kuzoragwa Ubwami yasezeraniye abayikunda?


vyo kuzoronka umugabane udashobora guhera, kwononekara canke gusaza. Uwo mugabane uzigamiwe mw’ijuru ku bwanyu.


Kandi aho Umwungere Mukuru azoserukira, muzohabwa igitsibo c’ubwiza kitazokwigera gitakaza ubwiza.


Ndazi imibabaro yawe, n’ubukene bwawe, ariko uri umutunzi! Ndazi ibitutsi utukwa n’abiyita Abayuda kandi atari bo, ahubwo ari abo mw’isinagogi rya Satani.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ