Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 6:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Nihagira ico uha umukene, ntuze uvuze inzamba nk’uko indyarya zibikora mu masinagogi no ku mabarabara barondera gushimwa n’abantu. Ndababwire ukuri; abo baramaze guhabwa impera zabo zose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Ni wagira ubuntu, ntuz’ uvugishe inzamba imbere yawe, nk’ukw indyarya zikora mu masinagogi no mu nzira, ngo bashimwe n’abantu: ndababgire ukuri: Baramaze guhabga impēra zabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 6:2
56 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mwa ndyarya mwe, Yesaya yavuze ukuri igihe yabavugishwako ati:


kandi iyo bukeye, muravuga muti: ‘Uno musi ikirere ntikiza kuba ciza kuko ijuru ryiraburaniwe.’ Murazi kugenzura ikirere mukurikije uko ijuru risa, ariko ntimuzi kugenzura ibimenyetso vy’ibihe.


Ariko kuko Yesu yari azi intumbero mbi bafise, ababwira ati: “Mwa ndyarya mwe, ni iki gituma muntega imitego?


Ivyo bakora vyose, babikora kugira ngo biyerekane. Bambara udusaho turimwo imirongo y’Ivyagezwe mu ruhanga no ku maboko kandi n’imisozo yo ku mpuzu zabo bakayigira miremire gusumvya abandi.


Bakunda ivyicaro vy’icubahiro mu misi mikuru, n’intebe z’imbere mu masinagogi.


Azomuhimbagura hanyuma amusangize ikibanza n’indyarya, ahazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro mwinshi.”


Ndababwire ukuri, igihe cose ijuru n’isi bizoba bikiriho, nta n’akadome na gatoya canke agakwabu ko mu vyagezwe vy’Imana kazovako, kugeza ivyo vyagezwe bishikije intumbero yavyo.


Iyo mwisonzesheje, ntimwerekane ko mubabaye nk’uko za ndyarya zibigira: kuko baca bijirirwa mu maso kugira ngo abababona bose babashimire ukwisonzesha kwabo. Ndababwire ukuri: iyo ni yo mpera yonyene bazoronka.


Ariko niwagira ico uha umukene, ukuboko kwawe kw’i bubamfu, ntigukwiye kumenya ico ukuboko kw’i buryo gukoze.


Kandi, iyo musenga, ntimumere nka za ndyarya kuko zikunda gusenga zihagaze mu masinagogi no mu mayirabiri, kugira ngo abantu bose bababone. Ndababwire ukuri, abo baramaze guhabwa impera zabo zose.


Wa ndyarya we, tangura ukure inkingi y’igiti iri mu jisho ryawe, hanyuma ubone gutosora akatsi kari mu jisho rya mugenzawe.


Bakunda kandi guhabwa ivyicaro vy’icubahiro mu masinagogi no mu misi mikuru.


Arabishura ati: “Yesaya yavuze ukuri igihe yabavugishwako mwa ndyarya mwe! Yanditse avuga ati: ‘Aba bantu banyubahisha iminwa yabo, ariko imitima yabo iri kure yanje.


Nuko rero nimuhe aboro ku vyo mufise, maze ibindi vyose kuri mwebwe bizoba bihumanuwe.


Muzobona ibara mwebwe Abafarisayo, kuko mukunda ivyicaro vy’icubahiro mu masinagogi no kuramutswa mu cubahiro mu makoraniro.


Nimugurishe ivyo mutunze, mubihe aboro. Mwironderere imifuko ibika amahera itazoshira, n’ubutunzi budahera bwo mw’ijuru, aho abasuma badashika, n’imiswa itazobwonona.


Mwa ndyarya mwe, ko mushobora gutahura ibimenyetso vy’ibihe murabiye ku biba kw’isi no kw’ijuru, ni igiki kibabuza gutahura ivy’iki gihe?


Umwami Yesu aca arishura ati: “Mwa ndyarya mwe! Ni nde muri mwebwe atozitura inka canke indogoba yiwe mu ruhongore ku musi w’Isabato ngo ayijane kunywa amazi?


“Mwirinde abigisha b’ivyagezwe. Bakunda kugendagenda bambaye amakanzu maremare y’icubahiro, no kuramutswa mu cubahiro mu makoraniro y’abantu. Bakunda kandi guhabwa ivyicaro vy’icubahiro mu masinagogi no mu misi mikuru.


Ariko muragowe mwebwe abatunzi, kuko mumaze kuronka indemesho yanyu.


Ni kuki ubwira mugenzawe uti: ‘Mugenzi, tega ndagutosore akatsi kari mu jisho,’ kandi nawe ugendana inkingi y’igiti mu jisho ryawe? Wa ndyarya we, tangura ukure inkingi y’igiti iri mu jisho ryawe, ni ho uzobona neza akatsi kari mu jisho rya mugenzawe, uheze ugakureyo.


Kubera Yuda ari we yari ajejwe ikigega, bamwe bibajije ko Yesu amusavye kugura ibikenewe vy’umusi mukuru, canke kugira ico aha abakene.


Mbega mwokwizera gute kandi murondera gushimana hagati yanyu, aho kurondera gushimwa n’Imana imwe rudende?


Uwuvuga amajambo yiwe ubwiwe, aba arondera icubahiro ciwe, ariko uwurondera icubahiro c’uwamutumye avuga ukuri, nta binyoma biri muri we.


We n’umuryango wiwe bari bariyeguriye kwubaha Imana. Yaratanga ivyiwe abifashisha aboro, kandi agasenga cane yamizako.


ambarira ati: ‘Koruneliyo, Imana yumvise amasengesho yawe, kandi yibutse n’ibikorwa vyawe vy’imbabazi.


Koruneliyo na we amuhanga amaso yuzuye ubwoba, aramubaza ati: “Ni iki ga Mwami?” Wa mumarayika aramwishura ati: “Amasengesho yawe n’ibikorwa vyawe vy’imbazi vyaduze biba nkishikanwa ry’icibutso imbere y’Imana.


Nuko abigishwa bo muri Antiyokiya, bivanye n’ico umwe umwe wese ashoboye, bafata ingingo yo kurungikira imfashanyo abizera b’i Yudaya.


Inyuma y’imyaka myinshi ndi mu mahanga, nagarutse i Yerusalemu nzaniye imfashanyo abakene, nje no gutanga ibimazi.


Kandi i Yopa hari imwigishwa yitwa Tabita (mu Kigiriki ryasobanura Dorukasi, ni ukuvuga Ingeregere), yama akora ibikorwa vyiza, afasha abakene.


Nimba wahawe ingabire yo gutera intege abandi, ube uwutera intege koko. Nimba wahawe ingabire yo gutanga, tangana umutima ubikunze. Nimba wahawe kurongora abandi, ubikorane umwete. Nimba wahawe ingabire yo kugira impuhwe, uzigire unezerewe.


Naho nofata ivyanje vyose nkabiha abakene, ndetse naho notanga umubiri wanje kugira ngo ngire ico nirata ariko ntagira urukundo, vyoba ari ubusa.


Ico batwihanikirije kwari uko twokwibuka kwitwararika abakene, kandi ico nanje nkaba namye ndagifitiye ishaka kuva kera.


Uwiba ntakongere kwiba, ariko atangure gukora, akoreshe amaboko yiwe mu buryo bwiza kugira ngo aronke ikimutunga n’ico gufashisha umukene.


Ntitwigeze na rimwe turondera guhabwa icubahiro n’abantu, baba mwebwe, canke uwundi muntu uwo ari we wese, naho nk’intumwa za Kristo twari twemerewe kugira ivyo tubasavye dukoresheje ububasha dufise.


Ubigishe gukoresha amahera yabo mu gukora ivyiza: bakwiye kuba abatunzi mu bikorwa vyiza, no mu gufasha abakene no mu kugira imitima yiteguriye gusangira ivyabo n’abandi.


Urukundo rwawe rwanteye umunezero mwinshi rwongera runtera intege, kuko waremesheje imitima y’abizera.


Kandi ntimwibagire gukora ivyiza no gusangira n’abandi, kuko ivyo ni ibimazi bihimbara Imana.


Woba wahawe ingabire yo kuvuga? Uvuge nk’aho Imana ari yo iriko ivugira muri wewe. Woba wahawe ingabire yo gufasha abandi, bikorane inkomezi zose Imana itanga. Ivyo bizotuma muri vyose Imana ihabwa icubahiro mw’izina rya Yesu Kristo. Icubahiro cose n’ubushobozi bibe ivy’Imana ubu n’ibihe bidashira! Amen.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ