Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 6:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Ntimukirundanirize ubutunzi mw’isi, aho imiswa, inyenzi n’ingese bishobora kubwonona, kandi n’ibisuma bigashobora kumena bikabwiba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Ntimukīrundanirize ubutunzi mw isi, ah’ inyenzi n’ingese bibumara, n’ibisuma bikīmba bikabgiba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 6:19
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu aramwishura ati: “Nimba ugomba kuba uwutunganye rwose, genda, ugurishe ivyo utunze vyose, maze amahera ukuyemwo uyahe aboro; ni ho uzoronka ubutunzi mw’ijuru. Hanyuma uce uza unkurikire.”


Ariko, mwirundanirize ubutunzi mw’ijuru, aho imiswa, inyenzi n’ingese bidashika ngo bibwonone canke abasuma badashika ngo bamene babwibe;


Uko ni ko bizogenda kuri abo bose biyegeraniriza ubutunzi bwabo ariko badatunze mu buryo bw’Imana.”


Nimugurishe ivyo mutunze, mubihe aboro. Mwironderere imifuko ibika amahera itazoshira, n’ubutunzi budahera bwo mw’ijuru, aho abasuma badashika, n’imiswa itazobwonona.


Mutahure ibi: iyaba nyene inzu yomenye isaha igisuma kizira ko, ntiyokwemera ko kimena inzu yiwe.


Yesu yumvise iyo nyishu aca amubwira ati: “Hari ikintu kimwe ugihajije. Genda ugurishe ivyo utunze vyose, maze amahera ukuyemwo uyahe aboro; ni ho uzoronka ubutunzi mw’ijuru. Hanyuma uce uza unkurikire.”


Yesu abonye ukuntu ababaye, aca avuga ati: “Biragoye cane ko abatunzi binjira mu Bwami bw’Imana.


Wigishe abafise ubutunzi bw’iyi si kutishira hejuru no kudashira ivyizigiro vyabo muri bwo, kuko butaramba. Ariko bizigire Imana yo iduha vyose nk’umusesekara kugira ngo tubinezerererwe.


Ntimugakunde amahera mu mibereho yanyu, ahubwo mubumbwe n’ivyo mufise. Kuko Imana yavuze iti: “Sinzokwigera ndaguta; sinzokwigera ndaguheba.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ