Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 6:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Kuko nimwaharira abantu ibibi babakoreye, na So wo mw’ijuru azobaharira namwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Kuko ni mwaharira abantu ivyaha vyabo, na So wo mw ijuru azobaharira namwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 6:14
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Harahiriwe abagira imbabazi, kuko na bo bazozigirirwa.


Uduharire ivyaha vyacu, nk’uko natwe duharira abaducumuyeko.


Kuko uko ucira imanza abandi ni ko n’Imana na yo izorugucira, kandi uko mugerera abandi ari ko namwe muzogererwa.


Ariko imbere y’uko mutangura gusenga, mubanze mubabarire umuntu wese yabacumuyeko, kugira ngo So wo mw’ijuru na we abaharire ivyaha vyanyu. [


Ntimugacire imanza abandi, kugira ngo namwe ntimuzonegurwe. Ntimugatsindishe abandi, kugira ngo namwe ntimuzotsindishwe. Mugire imbabazi, ni ho namwe muzozigirirwa.


Mugiranire neza kandi mubabarane, mwongere muharirane nk’uko Imana yabahariye muri Kristo.


Mushigikirane kandi mubabarirane iyo umuntu agize ico apfa na mugenziwe. Mubabarirane nk’uko Umwami Yesu yabababariye namwe.


Kuko Imana mu guca imanza, abatazogirirwa imbabazi ni abanse kuzigirira abandi. Ariko abagira imbabazi bazozigirirwa, kuko imbabazi zirengeye urubanza!


Ikitwereka abana b’Imana n’abana ba wa mubi ni iki: Umuntu wese adakora ibigororotse kandi ntakunde bene Data bandi si uw’Imana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ