8 Harahiriwe abafise imitima itanduye, kuko bazobona Imana.
8 Hahirwa abafise imitima itanduye, kukw ari bo bazobona Imana.
Ntiyadutandukanije na bo, kuko yejeje imitima yabo kuko bizeye.
Ivyo tubona ubu ni nk’ivyijiji mu cirore, ariko hazogera igihe tuzobona neza vyose amaso mu yandi. Ubu tuzi agace, ariko hari igihe tuzomenya vyose, nk’uko Imana ituzi neza.
None rero bene Data, ko dufise ayo masezerano, nimuze twiyeze, twiyambure ivyonona imitima n’imibiri yacu vyose. Turondere ukwezwa kuvuye ku kwubaha no gutinya Imana.
Nta kintu gihumanye ku bafise imitima idahumanye. Ariko ku bahumanye kandi batizera, nta kidahumanye, kuko ubwenge bwabo n’ivyiyumviro vyabo vyarononekaye.
muze twegere aho Imana iri dufise imitima irimwo ukuri kandi tuyizeye ata gukekeranya, imitima yacu yogejwe igakurwamwo ibiyagiriza, n’imibiri yacu yogeshejwe amazi meza.
Murondere kubana amahoro n’abantu bose no kubaho ubuzima bwejejwe, kuko abatejejwe ntibazobona Imana.
namwe mwibaze ingene amaraso ya Kristo, we yitanze nk’ikimazi gitunganye c’ivyaha vyacu, akiha Imana biciye kuri Mpwemu Yera ahoraho, azorushiriza kweza imitima yacu akayikuramwo ibikorwa bipfuye kugira ngo dushobore gukorera Imana nzima.
Ariko ubwenge buva mw’ijuru ubwa mbere na mbere buratunganye rwose; bukunda amahoro, ntibwishira imbere, buciye bugufi, bwuzuye imbabazi, bwama ivyamwa vyiza, ntibugira nkunzi, ntibugira uburyarya.
Mwegere Imana na yo izobegera. Yemwe banyavyaha, nimukarabe; namwe abatiyeguriye Imana mu mitima, nimwiyeze.
Ubu rero ko mwiyejeje mu kwumvira ukuri, bigatuma mugiriranira urukundo ruva ku mutima vy’ukuri, nimukundane cane nk’abavukana kandi n’imitima yanyu yose.
Bazobona mu nyonga hayo, kandi izina ryayo rizokwandikwa mu ruhanga rwabo.