6 Harahiriwe abafise inzara n’inyota vyo kugororoka, kuko bazohazwa.
6 Hahirwa abafise inzara n’inyota vyo kugororoka, kukw ari bo bazohāzwa.
Yahagije ivyiza abashonje, yirukana abatunzi bagenda imbokoboko.
Murahiriwe mwebwe mushonje muri kino gihe, kuko muzohazwa. Murahiriwe mwebwe murira muri kino gihe, kuko muzotwenga.
Muragowe mwebwe muhaze muri kino gihe, kuko muzosonza. Muragowe mwebwe mutwenga muri kino gihe, kuko muzobabara muboroge.
ariko uwunywa amazi ntanga ntazosubira kugira inyota. Ahubwo ayo mazi azohinduka isoko ridudubiza muri we, rizana ubugingo budashira.”
Ntimugakorere ivyokurya bibora, ahubwo nimukorere ivyokurya bihoraho kandi bitanga ubugingo budashira, ivyo Umwana w’Umuntu azobaha, kuko Imana Data ari we yahaye ububasha bwo gukora ivyo.”
Ku musi wa nyuma w’iyo misi mikuru, ari wo uruta iyindi, Yesu arahaguruka avuga n’ijwi rirenga ati: “Uwunyotewe wese naze aho ndi anywe.
‘Ntibazoba bagisonza, kandi ntibazoba bakinyoterwa. Izuba ntirizobakira ukundi,’ kandi nta bushuhe buzobica.