Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 5:46 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

46 Nimwakunda ababakunda gusa, n’iki cotuma muhabwa impera n’Imana? Mbega abatozakori bo si uko babigenza?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

46 Ni mwakunda ababakunda, muri n’impēra ki? Mbeg’ abatozakori bo si ko bagira?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 5:46
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umwana w’Umuntu na we aza arya kandi anywa, baca bavuga bati: ‘Ni umukunzi w’inda kandi ni imborerwa, agendana n’abatozakori n’abandi banyavyaha.’ Ariko icerekana ko ubwenge bugororotse ni ibikorwa vyabwo.”


Na bo nyene yanse kubumviriza, ubibwire ishengero; kandi yanse kwumvira ishengero, umufate co kimwe n’uwutizera Imana canke umutozakori yiba.


Nimwaramutsa incuti zanyu gusa, ni igiki muzoba murushije abandi? Mbega abatizera Imana bo ntibabigenza batyo?


Mwirinde ntimukore ibikorwa vyo kugororoka murondera gushimwa n’abantu. Kuko nimwabikora gutyo, So wo mw’ijuru ntazobaha impera.


Mu nyuma Lewi atumira Yesu n’abigishwa biwe i muhira iwe kugira ngo abazimane, atumira kandi n’abatozakori benshi n’abandi banyavyaha; kuko mu bakurikira Yesu harimwo benshi bameze nk’abo.


Bamwe mu bigisha b’ivyagezwe b’Abafarisayo babonye Yesu asangira n’abatozakori n’abandi banyavyaha, babaza abigishwa biwe bati: “Ni kuki asangira n’abatozakori n’abandi banyavyaha?”


Umusi umwe abatozakori n’abanyavyaha bari bakikije Yesu bamwumviriza.


Ariko wa mutozakori ahagarara kure, ntiyubahuka no kurangamiza mw’ijuru, yamara yikubita ku gikiriza, avuga ati: ‘Mana, ngirira imbabazi, jewe umunyavyaha.’


Muri ico gisagara hari umuntu yitwa Zakayo, yari umutozakori mukuru, kandi yari atunze cane.


Ababibonye bose batangura kwidodomba bati: “Agiye kurara mu nzu y’umunyavyaha!”


Abatozakori na bo baraza ngo ababatize. Baramubaza bati: “Mwigisha, dukore iki?”


Mu nyuma Lewi ategurira amazimano Yesu i muhira iwe, atumira n’abatozakori benshi n’abandi bantu, baraza basangira na bo.


Ariko Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe babaza abigishwa ba Yesu bamwidodombera bati: “Ni kuki mwicarana n’abatozakori n’abandi banyavyaha, mugasangira na bo?”


(Maze abantu bose, harimwo n’abatozakori, bumvise ayo majambo ya Yesu, baca baremera ko inzira z’Imana zigororotse, kuko bari babatijwe na Yohana.


Umwana w’Umuntu na we aza arya, kandi anywa, muca muvuga muti: ‘Ni umukunzi w’inda kandi ni imborerwa, agendana n’abatozakori n’abandi banyavyaha.’


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ